Abantu bashika 21 bapfuye muri nyamugigima muri Turukiya

Iyo nyamugigima yahitanye amazu atari make

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iyo nyamugigima yahitanye amazu atari make
Yatangajwe

Abantu bashika 21 bapfuye abarenga 1000 nabo barakomereka muri nyamugigima yabereye mu burengero bwa Turkiya.

Iyo nyamugigima yabomaguye amazu maze benezo bahungira mu mabarabara.

Iyo nyamugigima ya nijoro yumvikanye hafi isaha zitatu z'ijoro.

Nk'uko bivugwa n'ikigo ca Turkiya kijejwe gukinga impanuka, imirwi irenga 400 ijejwe ubutabazi yarungitswe mu ntara ya Elazig habereye iyo nyamugigima.

Kiragabisha abanyagihugu ko batohirahira ngo basubire mu nyubakwa zabomaguritse.

Melahat Can asanzwe aba mu gisagara ca Elazig yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Vyari biteye ubwoba - amazu yatuguyeko duca twiruka hanze".

Ako karere kagize ivyo vyago kari ku birometero 550 mu buseruko bw'umugwa mukuru Ankara hatoroshe gushika.

Turquie

Yumvikanye kandi mu bihugu bibanyi vya Syria, Libani na Irani.

Ikigo kijejwe gukinga impanuka kimenyesha ko abataye izabo bakeneye amahema n'uburengeti, na rirya ubushuye bwamanutse musi y'ubusa gushika kuri -8.

Ico gihugu gisanzwe kimenyereye guterwa na nyamugigima, aho mu 1999 abantu bashika 17.000 bapfuye muri nyamugigima yasinzikaje igisagara ca Izmit kiri mu burengero bw'ico gihugu.