Ivory Coast: Charles Blé Goudé yatwara umuhari w’urwaruka araburanywa uno munsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urubanza rwa Charles Blé Goudé yahoze arongoye umuhari w'urwaruka muri Côte d'Ivoire rurasasa uno munsi ku mugwa mukuru Abidjan.
Blé Goudé arakurikiranwa n'ubutungane bwa Côte d'Ivoire ku vyaha yagirizwa inyuma y'amatora yo mu mwaka wa 2010.
Uyo yahoze ari umukuru w'umuhari w'urwaruka ku butegetsi bwa Laurent Gbagbo asanzwe aba La Haye mu Buholande inyuma y'ukwezwa na Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha.
Abajejwe ubutungane muri Côte d'Ivoire, bagiriza Blé Goudé ivyaha vy'iyica rubozo, ubwicanyi n'uguhohotera abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'uwari shebuja.
Yagirizwa kandi ivyaha vyo gufata ku nguvu hamwe n'ibiterasoni, ayo mabi yose akaba yakozwe hagati ya 2010 na 2011 mu ndyane zaturutse ku matora.
Abamuburanira uyo yahoze arongoye umuhari w'urwaruka rwari rushigikiye Bwana Gbabgo bagiriza ubucamanza bwa Côte d'Ivoire ko buriko buhonyanga agateka k'uwo baburanira.
Mu rubanza rwariko ruraba ku wa 06 z'ukwezi guheze, abo bamuburanira barivumbuye, ejo ku wa kabiri naho buca sentare isasa baca bagiriza ubucamanza ko buriko buhonyanga amategeko agenga imanza.
Kubw'umunyamategeko N'dri Claver, uburenganzira bwa mbere bw'uwuburanywa - -asanzwe aba i La Haye - ni uko aba yitavye urubanza.
Avuga ko azokwitura Sentare ya Afrika ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.
Bamwe bu bihweza ibintu n'ibindi babona ko ico bita "ihohotera" ririko rikorerwa Blé Goudé gufitaniye isano n'umugambi wiwe wo kurondera ikibanza gikomeye muri politike ya Côte d'Ivoire.
Abategetsi b'ico gihugu babandanya babeshuza ivyo birego.









