Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CECAFA: U Burundi bwaraye busezeye ihiganwa ry'igikombe ry'imrwi nserukirabihugu y'abagabo
U Burundi bwaraye busezeye ihiganwa ry'igikombe ca CECAFA rihuza imirwi nserukirabihugu y'abakuze ku ruhande rw'abagabo ririko ribera mu gihugu ca Uganda, inyuma y'ugutsindwa mu nkino zine zose.
Mu nkino z'imbere y'aho, Intamba zari zatsinzwe na Uganda mu rukino rwa mbere rwabaye ku wa 07/12, zitsindwa na Eritrea mu rukino rwo ku wa mbere 09/12, zitsindwa kandi na Djibuti ku wa 11/12 .
N'aho ku ruhande rw'abigeme batarenza imyaka 17, u Burundi bwarirahiye Djibuti, ivyabahaye umwizero mu rukino rw'ejo ku wa Mungu.
Mu rukino rw'ejo, umurwi nserukiragihugu wa Somalia watsinze Intamba mu Rugamba z'u Burundi igitsindo kimwe ku busa, catsinzwe n'umukinyi Abdulahi Omar.
Muri urwo rukino , Intamba baragerageje gusatira ariko biranka, urukino rukaba rwagiye kurangira mbere basigaye ari cumi inyuma y'aho Landry Ndikumana aronkeye ikarata zibiri z'umuhondo agaca asohorwa.
Mu gice ca mbere, umunyegori wa Somalia yakoze ibintu bikomeye cane aho yatewe imipira itari mike ariko arayikurayo.
U Burundi nta nota na rimwe bufise, abatari bake bakabona ko umumenyereza Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola atagifise ubushobozi bwo kumenyereza uyo murwi, nk'uko bagiye babishikiriza ku mbuga hwaniro.
Iryo higanwa ryatanguye ku wa 07 z'ukukw'icumi ka kabiri rikazorangira kw'igenekerezo rya 19 uku kwezi nyene.
Ku rundi ruhande, mw'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu y'abagore ku batarenza imyaka 17 naryo nyene ririko ribera muri ico gihugu ca Uganda, umugwi nserukira gihugu w'abigeme, w'u Burundi waraye wihaye iteka mu gutsinda umurwi wa Djibuti ibitsindo 8-0.
Lydia Karenzo yatsinze ibitsindo bitatu, Bora Ineza nawe atera bine, ikindi kikaba cagiye kwinjizwa na Neema Nzohabonayo
Ni inyuma y'aho mu rukino rwa mbere, uwo murwi wari watsinzwe n'umurwi wa Uganda, ibitsindo 4-0, naho urukino rwayihuje na Tanzania ku wa gatatu rukaba rwagiye kurangira ata n'umwe usumbije uwundi.
Kuri uyu wa Mungu, uyo murwi Intamba mu Rugamba w'abatarenza imyaka 17 ku ruhande rw'abagore uza gutana mu mitwe na Kenya.