DR Congo coba ari co gihugu ca mbere kw'isi kirangwamwo amasanganya menshi y'indege?

Amasanganya aheruka yatumye amakenga aba menshi ku mutekano w'ingendo zo mu kirere

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amasanganya aheruka yatumye amakenga aba menshi ku mutekano w'ingendo zo mu kirere
Yatangajwe

Mu gihe hari abafata ko ingendo z'indege ziri mu ngendo zizewe, hari igihe zishobora guhonya abantu mu bihugu bimwe bimwe hari ibirere bitorohereza ingendo z'indege n'amategeko ajegajega.

Amasanganya abiri aherutse muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo yatumye amakenga aba menshi ku mutekano w'ingendo zo mu kirere.

Iyiheruka ni iyabaye muri kuno kwezi kwa cumi na rimwe aho yaguye ku mazu y'abantu mu gisagara ca Goma kiri mu buseruko bw'igihugu, rigahitana abantu 27.

None muri Congo bimeze gute ugereranije no mu bindi bice vy'isi mu biraba ingendo z'indege?

Ibiharuro bitangwa n'ikigo Aviation Safety Network kijejwe kwihweza no kwegeranya amakuru ku vyerekeye umutekano w'indege, vyerekana ko DR Congo ari co gihugu ca mbere kw'isi caranzwemwo amasanganya y'indege muri Afrika kuva mu 1945.

Daniel Kwasi Adjekum wo kw'ishure kaminuza rya Dakota yo mu Buraruko muri Amerika, avuga ko ayo masanganya ashobora gutumwa n'ibintu vyinshi, harimwo ubwaguke bw'ico gihugu, isi itameze neza hamwe n'amategeko adashemeye.

Abajejwe ubutabazi bariko bagerageza kurokora n'ukurondera abahitanywe n'isanganya riheruka

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bariko bagerageza kurokora n'ukurondera abahitanywe n'isanganya riheruka

Ingendo z'indege muri ico gihugu ni ikintu gikomeye cane kuko ku ntara 25, zine gusa nizo zizewe ko zifatanye n'umugwa mukuru Kinshasa uciye mw'ibarabara.

Ariko vyaba ibibuga vy'indege canke ibikoresho bijejwe gucungera ingendo z'indege, vyinshi ntibimeze neza, ivyo bikiyongera ku ndege zishaje hamwe n'amategeko ata nguvu afise muvyo gucungera ingendo z'indege.

Hari kandi n'ingorane z'uko abagendesha indege badakurikiranwa bikwiye mu gihe ata n'amategeko ngenderwako ruhasha bisunga.

Hari n'amasanganya ava ku birere bibi, harimwo nk'imvura z'isegenya mu gihe c'urushana, na rirya DR Congo iri mu karere k'isi kagwamwo imvura nyinshi.

Ariko rero si DR Congo yonyene!

Kuva mu mwaka wa 2010, Leta Zunze Ubumwe za Amerika nizo zaranzwemwo amasanganya y'indege menshi kw'isi, ikurikirwa n'Uburusiya, Canada, Mexique na Indonesia.

Ivyo ugasanga biva ahanini n'ubwinshi bw'abakoresha indege mu kwiyunguruza.

Uburusiya nibwo bwagize igitigiri kinini c'abantu baguye mu masanganya y'indege kuva mu 2010 aho abashika 532 bapfuye, bugakurikirwa na Indonesia.

Igihugu ca Nepal nico kindi gihugu gifise ingorane zisa n'iza DR Congo, naco nyene kikaba gifise ikibazo c'amategeko agenga ingendo zo mu kirere mu gihe gisanzwe gifise abantu benshi bakenera kwiyunguruza bakoresheje uburyo bw'indege.

DR Congo ifise urugero ruto cane rw'ingendo z'indege, rukaba ruri musi y'ibice 0.1 %. Hagati aho, kuva mu mwaka wa 2010 gusa, ifise urugero hafi 4% rw'amasanganya y'indege kw'isi, ivyo bikavuga ko umutekano w'ingendo z'indege uri ku rugero rwo hasi cane.

Iyi ndege yataye ibarabara muri DR Congo mu mwaka wa 2015, ihitana abantu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyi ndege yataye ibarabara muri DR Congo mu mwaka wa 2015, ihitana abantu

Ni kuri iyo mvo, n'aho atari co conyene, kiri mu bihugu indege zavyo zitemerewe gukorera mu bihugu vy'umuryango w'ibihugu vya Bulaya.

Kiri kumwe n'ibindi bihugu 13 vya Afrika, hamwe n'ibindi bimwe bimwe vya Asia na Amerika y'Epfo vyafatiwe iyo ngingo.

Umwaka wabaye akataraboneka ni 2007, aho caharuye amasanganya umunani yose mu mwaka umwe.

Ariko isanganya ryatwaye abantu benshi cane ni iryabaye mu 1996, aho indege yo mu bwoko bwa Antonov yata ibarabara ku mugwa mukuru i Kinshasa ikisuka mw'isoko, yica abantu 237.