Afrika y'epfo ibandanije gushirwako igitsure nyuma y'impfu z'abanyamahanga

Abanye Nigeria mu myiyerekano yo kwiyamiriza guhohoterwa muri Afrika y'epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Afrika y'epfo ntiyorohewe nyuma y'ubwicanyi bw'abanyamahanga
Yatangajwe

Igitsure kibandanije kwiyongera ku gihugu ca Afrika y'epfo nyuma y'aho ibitero vyo mu ndwi iheze bifatiye ku rwanko rw'abanyamahanga, bihitaniye abantu indwi.

Nigeria yatahukanye uwuyiserukiye (ambassadeur), kandi ikaba iriko irasaba inshumbusho ku rudandazwa urwo ari rwo rwose rw'umunye Nigeria rwasahuwe canke rukononwa.

Ikompanyi y'indege Air Tanzania, hagati aho yavuze ko ibaye irahagarika ingendo muri Afrika y'epfo gushika agahengwe kagarutse.

Kare igihugu ca Afika y'epfo cari cugaye vy'agateganyo ibiro bigiserukiye muri Nigeria.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwari bwafashe iyo ngingo mu kwiyubara kuko hari abari bateye ubwoba abakozi babwo.

Umushikiranganji wa Afrika y'epfo ajejwe imigenderanire, Naledi Pandor, yavuze ko ubugizi bwa nabi bwabaye ari akamaramaza kuri Afrika y'epfo.