Umuhinga Gérard Birantamije asaba imigambwe guha agaciro nyako urwaruka rwayo

Yatangajwe

Umuhinga mu vya politike, Gérard Birantamije, atera akamo imigambwe ya politike ko yohereza agaciro urwaruka ruhurikiye mu mihari iyikomokako.

Bwana Birantamije avuga ko kubona imigambwe ishinga amashami y'urwaruka ari agasuzuguro kuko babafata nk'uko umengo ni abantu ataco baramenya mu mugambwe.

Asaba ko igihugu coshiraho amategeko akingira koko urwaruka, "kuko imigambwe irufata nk'uko ataco rumaze, ugasanga ruriko rukoreshwa mu bitari vyo".

Bwana Birantamije avuga ko imigambwe ifata urwaruka nk'akandi karwi k'abandi bantu batari mu mugambwe, kari ukwako kajejwe gukoreshwa, kagahabwa amazina yerekana ko umengo ni ayo gutana mu mitwe, bitandukanye n'agaciro k'umugambwe.

Kuri we, imigambwe yategerezwa gutahura y'uko urwaruka rwinjira mu mugambwe kugira ngo rufashe gutsimbataza ivyiyumviro vy'umugambwe, atari kugira ngo bakoreshwe ibitazwi canke bitagengwa n'amategeko.

Atera akamo urwaruka ko rwotahura y'uko ivyo ruriko rurakora ari ibiteza imbere igihugu kuko iyo igihugu kigowe nabo baragorwa.

Ni mu gihe kuri uyu wa gatandatu mu gihugu cose hitezwe ikoraniro rukokoma ry'abanywanyi b'umuhari w'Imbonerakure ukomoka ku mugambwe uri ku butegetsi, ihuriro ryama riba uko umwaka utashe.

Bwana Birantamije abona ko urwo rwaruka rw'imbonerakure "rusa n'urwasubiriye inzego z'igihugu haba muvyo umutekano no mu zindi nzego", ivyo navyo ngo bikaba bidategekanijwe mu bigenga umugambwe bakomokako.

Ati: "Hari ivyo umugambwe utegekanya biri mu mpapuro, hakaba n'ivyo utegekanya bitari mu mpapuro, biraboneka ko urwo rwaruka barutuma gukora ivyo bitanditswe na hamwe mu mpapuro".

CNDD-FDD iramirira kure ibivugwa ku Mbonerakure

Umuhari w'Imbonerakure ukomoka ku mugambwe CNDD-FDD, ukaba wagirizwa n'amashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe n'ibihugu bimwe bimwe, amabi atandukanye mu gihugu.

Umugambwe CNDD-FDD urahakana ivyo urwaruka rwawo rwagirizwa, ukavuga ko ababivuga bafise intumbero y'ugucafuza urwaruka rwawo.

CNDD-FDD ivuga ko ari urwaruka rukunda igihugu rwitayeho iterambere ry'igihugu, ukarutera intege ngo rubandanye ruba akarorero.

Hagati aho, imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi iragiriza urwo rwaruka mu gihugu ko rukoreshwa mu kuburabuza n'uguhohotera abanywanyi bayo mu bikorwa vyayo.