Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu bashika 150 vyibazwa ko basomye nturi hafi y'inkomba za Libya
Abantu bashika ijana na mirongo itanu nibo vyibazwa ko basomye nturi igihe ubwato bwarohoma hafi y'inkombe za Libya.
Ishami rya ONU ryita ku mpunzi, HCR, rivuga ko igitigiri nk'ico nyene c'abandi bantu barokowe kababa bariko barasubizwa muri Libya.
Ico gihugu ni nk'ihuriro ry'abimukira bafata urugendo rumeze nko kwigerezako bashaka kuja i Buraya.
HCR yagumye isemerera isaba yuko abo barokowe batosubizwa mu gihugu ca Libya.
Iryo shirahamwe rivuga ko muri ico gihugu bapfungwa mu buryo bubi cane butabereye ikiremwa muntu.
Ikindi kibazo naco, ni uko aho abo bantu bajanywe hari intambara ikomeye hagati y'imigwi irwanira ubutegetsi.