Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatavuga rumwe mu gihugu ca Sudan basubiye guhurira mu biganiro
Ibiganiro hagati y'umugwi w'igisirikare urongora igihugu ca Sudan vy'imfatakibanza hamwe n'abaserukiara abandi mu myiyerekano vyari vyarahagaze kuva mu kwezi kwa gatanu.
Vyatumwe no ku kutumvikana ku bantu bohejuru bazorongora igihugu mu kiringo mfatakibanza.
Abahuza bo mu muryango wa Afrika hamwe n'igihugu ca Ethiopia barizeye ko impande zose zishobora kugabura ibibanza vy'urwego rwigenga ruzorongora igihugu.
Imigwi itavuga rumwe na Leta ikeneye ko igitero cahitanye abantu mu kwezi guheze mu kibanza bagiriramwo imyiyerekano gikorwako amatohoza.
Kubona ibiganiro bisubiye gutangura vyatanze icizere ko hazojaho uburongozi mfatakibanza bwa gisivile.
Umugwi wa gisirikare urongoye igihugu ca Sudan vy'imfatakibanza warasugerejwe n'amakungu kugira usubize ubutegetsi.
Abantu barihereje amabarabara mu gihugu cose ku musi w'Imana basaba impinduka.
Iyo myiyerekano yaratunganijwe mu kiringo c'ukwezi kwose naho imihora y'amatelefone yari yugawe , kandi hagakomezwa gutoteza abaserukia abandi mu batavuga rumwe na Leta.
Igihe ibiganiro vyahagarara mu kwezi kwa gatanu , izo mpande zose zaremeye ko ikiringo mfatakibanza kizoba gitwagwa ahanini n'abasivile kandi kizomara ikirongo c' imyaka itatu.