Indege y’indwano F-16 ya Amerika yakorokeye mu nzu y’ububiko muri California

Ahavuye isanamu, Getty Images
Indege y'indwano F-16 yakorotse igwa mu nzu y'ububiko hafi y'ikirindiro c'abasirikare hanze y'igisagara ca Los Angeles, muri Leza Zunze ubumwe za Amerika, umudereva n'abakozi bayo bakaba bakomeretse buke buke.
Umudereva yapirutse itarononekara cane, kandi n'umuriro wadutse baciye bawuzimya ningoga.
Igisirikare kirwanira mu kirere ca Amerika camenyesheje ko abantu batanu bakomeretse, ariko ntibamenyeshe nimba iyo ndege yarimwo ibirwanisho.
Umwe mu bakozi bo muri iyo nyubakwa Jeff Schoffstall yashoboye gufata ireresi inyuma y'aho iyo ndege ikorokeye ayikwiragiza ku rubuga rwa Facebook.
Iryo sanganya ryabaye nijoro hafi isaha zitandatu z'ijoro (mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda) hanze y'ikigo cigisirikare kirwanira mu kirere citwa March Air Reserve Base kiri ahitwa Perris, ni mu ntara ya California.
Baldur Castro umwe mu bakozi yabwiye televiziyo CBS ko umukozi umwe yakubiswe hasi n'iyo ndege.
Amabarabara yinjira ahari iyo nyubakwa yugawe mu gihe abajejwe gukurikirana ivyuma bishobora kubangamira amagara y'abantu bariko barakora amatohoza ku bisigarira vy'iyo ndege.
Igisata ca gisirikare c'ingabo zirwanira mu kirere kimenyesha ko iyo ndege yari ahitwa Sioux Falls, muri Dakota y'ubumanuko, ikaba yakorotse iri mu myimenyerezo.










