Leta ya Nouvelle-Zélande ishigikiye ko itegeko rigenga gutunga inkoho rihinduka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Nouvelle-Zélande, Jacinda Ardern, avuga ko leta y'ico gihugu ishigikiye ko itegeko rigenda gutunga inkoho risubirwamwo inyuma y'igitero cakozwe ku musigiti kigahitana abantu 50 n'abandi benshi bakomeretse.
Umunya Australia Brenton Tarrant afise imyaka 28 y'amavuka niwe yagirijwe ko yakoze ubwo bwicanyi mu gisagara ca Christchurch.
Igipolisi kivuga ko uyo mwicanyi yakoresheje inkoho yo mu ntambara isa n'uko yahinguwe gushasha kugira ngo ishobore kwica abantu benshi muri ico gitero.
Ivyabaye ku munsi wa gatanu vyatumye abatari bake basaba ko itegeko ritanga uburenganzira bwo gutunga inkoho risubirwamwo, ivyatumye umupfasoni Ardern amenyesha inyuma y'aho gato ati " amategeko yacu agenda gutunga inkoho azohinduka".
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y'inama nshikiranganji, umupfasoni Ardern yamenyesheje ko gushika ku wa 25 z'uku kwezi kwa gatatu azoba yatanze insiguro ku bijanye n'ihinyanyurwa ry'ayo mategeko.
Avuga ati: "Ivyo bivuga ko mu minsi cumi inyuma y'iki gitero c'iterabwoba tuzoba twamenyesheje ibizoba vyahindutse muri ayo mategeko, bikazotuma, ndavyizeye, abanyagihugu bacu bazobaho mu mutekano".
"Twafashe ingingo nka leta, twese turayihurizako".
Umupfasoni Ardern amenyesha kandi ko amatohoza azokwihweza icatumye haba ubwo bwicanyi, n'icategerezwa kuba cakozwe.
Abantu icenda baracari mu bitaro bakaba bababaye cane.
Ibiteramo bitari bike bikaba vyarateguwe mu mpera z'indwi irangiye mu gihugu ca Nouvelle-Zélande mu kwibuka abasize ubuzima muri ico gitero, hakaba hateguwe n'ibindi muri ino ndwi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuri uno musi wa mbere, abanyeshure bashika 3,000 bo mu mashure yisumbuye na kaminuza bateguye igiteramo ahitwa Hagley Park hafi y'umusigiti wa Al Noor, umwe mu misigiti ibiri yatewe ku munsi wa gatanu.
Mu mpera z'iyo ndwi iheze, umupfasoni Ardern yamenyesheje ko uwo yikekwa ko yakoze ico gitero yari atunze inkoho zitanu inyuma y'aho amategeko amuhereye uburenganzira bwo gutunga inkoho mu kwezi kwa 11 kw'umwaka wa 2017.
Mu gatondo ko kuri uno musi wa mbere, imangazini Gun City igurisha inkoho yamenyesheje ko yari yagurishije ibirwanisho kuri uyo yagirijwe ko yakoze ubwo bwicanyi, ariko ko kitari ikirwanisho gikomeye cakoreshejwe muri ico gitero.
Iradiyo y'igihugu ya Nouvelle-Zélande yamenyesheje ko ishirahamwe ry'igipolisi c'ico gihugu ca Nouvelle-Zélande ryasavye ko hobuzwa itunga ry'ibirwanisho vy'intambara (armes semi-automatiques).
Amategeko agenga gutunga inkoho muri Nouvelle-Zélande
Amategeko agenga gutunga inkoho muri ico gihugu ca Nouvelle-Zélande avuga ko umuntu ategerezwa kuba afise n'imiburiburi imyaka 16 canke 18 kugira ngo yemererwe gutunga ikirwanisho gicira umuriro gikoreshwa mu gisirikare, armes semi-automatiques de style militaire (MSSA).
Kugira umuntu yemererwe gutunga ibirwanisho bicira umuriro, abanza gusuzumwa ko atavyaha vy'agahomerabunwa yakoze muri kahise, bakanamupima kugira barabe amagara yiwe.
Mu gihe amaze kwemererwa gutunga ikirwanisho, ashobora kugura inkoho ku gitigiri cose ashatse.
Muri kahise harabaye ukugerageza guhindura amategeko agenga ugutunga ibirwanisho muri Nouvelle-Zélande, ariko biranka kubera abacuruza ibirwanisho babirwanije cane, be n'umuco w'uguhiga ibikoko (culture de chasse).
Ibirwanisho bicira umuriro bingana hafi umuliyoni n'igice nivyo biri mu minwe y'abantu babitunze ku giti cabo muri ico gihugu.
Igipolisi camenyesheje uno musi ku wa mbere ko itohoza ririko rikorwa kuri ubwo bwicanyi ari ryo rya mbere rinini rikozwe n'igipolisi co muri ico gihugu.
Umukuru w'igipolisi ca Nouvelle-Zélande, Mike Bush, avuga ko abategetsi bamenyesheje y'uko ico gitero cakozwe n'umuntu umwe, ariko yongerako ko bitavuga y'uko hatoba harabaye abandi bantu bamufashije.
Amenyesha ko ubwoba ari bwinshi cane mu gihugu, ari naco gituma igipolisi ca Nouvelle-Zélande kizobandanya ibikorwa vy'ugukizura mu kiringo c'indwi zitari nke ziri imbere, kiri kumwe n'abajejwe ibikorwa vy'ubutabazi basanzwe bakorana, kugira ngo buri munyagihugu wese yumve ko atekaniwe.










