Uwari umushikiranganji w'inkino muri Kenya hamwe n'umunonotsi rurangiranwa bategetswe kwishikana ku gipolisi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare muri Kenya yategetse uwari umushikiranganji w'inkino, Hassan Wario, n'umunonotsi yatsindiye Kenya umudari wa mbere w'inzahabu muri Olempique, Kipchoge Keino, kwishikana ku gipolisi.
Abo bagabo uko ari babiri bagirizwa kunyuruza amafaranga arenga igice c'umuriyoni w'amadolari.
Bwana Wario ubu aserukiye Kenya muri Autriche na bwana Keino bafise ikiringo co gushika kuwa kane ngo babe bishikanye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk'uko bitangazwa n'umugenzacaha wa Republika, amahera yategerezwa gukoreshwa mu nkino Olempike zo muri Brezil mu 2016 yaburiwe irengero.
Abononotsi ba Kenya i Rio baridoze bavuga ko bacumbikiwe nabi ngo kandi baronswa ibikoresho vyo kwimenyereza bidakwiye.
Ikindi naco ngo wasanga abagize imiryango y'abategetsi ba Kenya hamwe n'incuti zabo baraje kurorera inkino ku mahera ya leta.





