Muri Kenya abategetsi babiri bagirijwe amagendo mu bijanye n'amahera ya leta

Umukuru w'ikigo kijejwe ivya gari ya moshi ari mu bagirijwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'ikigo kijejwe ivya gari ya moshi ari mu bagirijwe
Yatangajwe

Umukuru w'ikigo kijejwe ivya gari ya moshi hamwe n'umukuru w'ikigega ca leta muri Kenya bagirijwe ivyaha bijanye n'amagendo hamwe n'ubusuma bw'amahera ya leta.

Bagirijwe kuba bararishe amahera arenga imiriyoni zibiri z'amadolari y'umuzibukiro, ku butaka bwari busanzwe ari ubwa leta.

Abantu bagirizwa kuba ari bo bahawe ayo mafaranga nabo nyene bagirijwe ivyaha, ariko abaregwa bose bahakanye icaha.

Uhuru Kenyatta ngo yiteguriye gutakaza abagenzi ariko agakura muri Kenya ingeso yo kudahana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uhuru Kenyatta ngo yiteguriye gutakaza abagenzi ariko agakura muri Kenya ingeso yo kudahana

Ubwo butaka bwari ubwo gukoreshwa mu mugambi ushigikiwe na leta y'Ubushinwa ufise agaciro k'imiriyaridi zitatu z'amadolari.

Uwo mugambi ni uwo kwubaka inzira ya gari ya moshi izofatanya umurwa mukuru Nairobi hamwe n'umuji w'ikivuko wa Mombasa.

Umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta yavuze ko yiteguriye gutakaza abangenzi, ariko akarandurana n'imizi ingeso yo kudahana muri Kenya.