Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi ca Uganda kivuga ko ata muntu n'umwe gifata kimuhora kuba Umunyarwanda, ngo haba hari impamvu
Igipolisi ca Uganda kivuga ko ata muntu n'umwe gifata kimuhoye ubwoko canke ubwenegihugu, ngo abafatwa bose baba bakekwako ivyaha ngo kandi hariho n'abanye Uganda.
Amakuru atangazwa n'ikinyamakuru co mu Rwanda cegereye ubutegetsi, igihe.com, avuga ko ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi ku Banyarwanda bakorera muri Uganda bikomeje kwiyongera umunsi ku wundi, aho abadatawe muri yombi baba bahigwa bukware.
Iki kinyamakuru kivuga ko abo bantu bahigwa n'inzego z'iperereza zo muri Uganda, urwego rushinzwe ubutasi bwa gisirikare co kimwe n'urwego rushinzwe umutekano wo mu gihugu hagati.
Mu ndwi iheze bavuze ko hafashwe abantu mirongo ibiri na babiri.
Mugenzi wacu Prime Ndikumagenge yavuganye n'umuvugizi w'igipolisi ca Uganda, Emiliane Kayima, atangura amubaza umubare w'abo bamaze gufata n'ico babafatira.