Ikiyaga kirimwo amazi catowe ku mubumbe wa Mars

Umubumbe wa Mars

Ahavuye isanamu, Science Photo Library

Yatangajwe

Abashakashatsi bwatoye icemeza ca bere ko hari amazi ku mubumbe wa Mars.

Ikintu bemeza ko ari ikiyaga mu gice kirimwo ibibuye vy'urubura mu bumanuko kikaba gifise ubunini bw'ibirometero bibiri.

Ubushaashatsi bwaheruka bwari bwabonye ikimenyetso ko hariho amazi kuri uwo mubumbe, ariko bubaye ubwa mbere haboneka ikimenyetso nk'ico c'amazi kuri uwo mubumbe muri iyi misi ya vuba.

Ibindi biyaga vyagiye biratorwa na NASA vyerekana ko ko amazi yigeze kubaho kuri uwo mubumbe mu misi yaheze.

Ikindi mu kirere c'uwo mubumbe harakanye cane bigatuma amazi aca ahinduka ibibuye.

Ivyo vyatowe biranezereje kubera abahinga bari bamaze umwanya muremure bahiga ko ku mubumbe wa Mars hoba hari amazi, ariko nta co bari bwashikeko.

Ivyo kandi biranezereje abntu bagira ubushakashatsi ko hoba haba ibinyabuzima co kimwe no kw'isi - n'aho hataragaragara ikimenyetso na kimwe cerekana ko hariho ibiremwa.

Ivyo babishitseko hakoreshejwe icuma ca 'radar' cari mu kigo kiraba ivyerekeye ikirere c'Uburaya kizwi kw'izina rya Mars Express orbiter.

Ikibuye c'amazi kiri mu karere karimwo ivumbi kuri Mars

Ahavuye isanamu, NASA/JPL/Malin Space Science Systems

Insiguro y'isanamu, Ico kiyaga kiri musi y'ibibuye vy'urubura mu bumanuko bw'umubumbe wa Mars

Prof Orosei wo mu gisata cihweza ibibazo vy'ikirere n'ibindi biremwa, ari nawe yari arongoye ivyo bikorwa yavuze ati:"Ushobora gusanga atari ikiyaga kinini."

Icuma ca Marsis nticashoboye kwerekana aho ayo mazi agera, ariko uwo mugwi w'abashakashatsi uvuga ko aho ari hatari musi y'imetero imwe.

Prof Orosei yongeyeko ati:"Ibi bije kwemeza ko hariho ikiyaga kirimwo amazi, kandi si amazi ari hagati y'ayayonze n'ikibuye nk'uko biri mu bindi bice birangwamwo ibibuye vy'amazi kw'isi.

Igicapo cerekana ivyo icuma Marsis Radar catoye mu kirere

Ahavuye isanamu, ESA/INAF

Insiguro y'isanamu, Igicapo cerekana ivyo icuma Marsis Radar catoye mu kirere

Ico kiyaga catowe gute?

Ivyuma bifise radar nka Marsis birondera ibiri kuri Mars bikoresheje imishwarara hanyuma bagaca baraba inyishu igarutse.

Umurongo wera uri hejuru y'ifoto werekana intango y'aho amazi yabaye ikibuye ari.

Musi y'ico kibuye, abashakashatsi bahasanze ikintu kidasanzwe kiri ku kilometero 1.5.

Prof Orosei yavuze ati:"Mw'irangi ry'ubururu urashobora kubona kuva musi ugereranije ugereranije n'isi. Iki ni co cerekana ata gukekeranya ko ari ikimenyetso ko hariho amazi."

Isanamu y'ivyo icuma ca Marsis cashitseko - kirerekans irangi ry'ubururu musi y'umubumbe wa Mars bikaba vyemeza ko hariho amazi

Ahavuye isanamu, USGS Astrogeology Science Center, Arizona State Un

Insiguro y'isanamu, Isanamu y'ivyo icuma ca Marsis cashitseko - kirerekans irangi ry'ubururu musi y'umubumbe wa Mars bikaba vyemeza ko hariho amazi

Ibi bisigura iki ku buzima?

Nta n'umwe aravyemeza.

Dr Manish Patel wo muri kaminuza ya Open University yasiguye: Twabonye kuva kera ko isi ya Mars idashobora kubako ibiremwpo nk'uko dusanzwe tubizi, gutyo rero gutora ibintu vyose bifise ubuzima ubisanga musi y'uwo mubumbe.

Aho rero ni ho hatuma twikingira imishwarara mibi hamwe n'uko ikirere kigenda kimera gigatuma haba ubuzima.

Ikindi gikomeye cane ni amazi atuma abantu babaho. Intumbero yo kurondera ayo mazi n'ikintu gikenewe cane muri ubwo bushakashatsi bwo kw'ihwezeza ivyo ubuzima kw'isi.

N'aho ubwo bushakashatsi bwerekana amazi, nta kindi kintu bwerekana kirenze ngaho.

Dr Petel yabwiye BBC ati:"Ntitwegereje gutora ko hariho ubuzima, ariko ico turiko turakora n'ivyo tumaze kubona ni ukurondera ahantu hakwiza ivyo umuntu akenera kuri Mars."

Ikiyaga gisa n'urwatsi rutoto rukikijwe n'umunyu

Ahavuye isanamu, Science Photo Library

Insiguro y'isanamu, Ikiyaga gisa n'urwatsi rutoto rukikijwe n'umunyu

Uko ayo mazi ameze ashobora gutera ibibazo ikiremwa cose kuri Mars.

Dr Claire Cousins, umuhinga mu biraba ikirere wo muri kaminuza ya St Andrews mu Bwongereza avuga ti:"Kugira ayo mazi agumeho kandi hari imbeho nyinshi ashobora kuba arimwo umunyu mwinshi. Bishoboka ko ayo mazi arimwo umunyu mwinshi cane ku buryo ata kiremwa na kimwe coyanywa.

None hakwiye gufatwa izihe ngingo?

Mu gihe ukuba hari amazi ari inkuru nziza ku bantu bashaka kumenya ko hoba hari ubuzima kuri Mars, ni ngombwa ko ico kiyaga gikorwako ubundi bushakashatsi bukomeye.

"Igikenewe ubu n'uko haba ubushakashatsi nk'ubwo n'ahandi mu kurondera ibimenyetso nk'ivyo kandi hakihezwa ko hari izindi nsiguro zikwiye kwihwezwa neza."

Yongeyeko ati:" Gashobora kuba ari akaryo kubantu baja kuri Mars kuja kwimba ayo mazi ari musi y'isi y'uwo mubumbe nk'uko bikorwa mu bindi biyaga biri mu turere dukanye cane kw'isi nko muri Antaractique."

picha za Satellite

Ahavuye isanamu, Science Photo Library

Insiguro y'isanamu, Ako karere kagereranywa n'ikiyaga ca Vostok, kiri ku bilometero 4 musi y'ikibuye c'amazi muri Antarctique