Leta ya Kenya yategetswe kwemerera Miguna Miguna gutahuka

Miguna Miguna mu muhango wo kwirahiza kwa Raila Odinga
Insiguro y'isanamu, Miguna Miguna, aboneka ngaha i bubamfu, yahowe kwitaba umuhango wo kwirahiza bwa Raila Odinga
Yatangajwe

Sentare nkuru ya Kenya yategetse leta kureka umunyepolitike atavuga rumwe nayo agatahuka, nyuma yo kwirukanwa mu gihugu akarungikwa muri Canada mu ntango za kuno kwezi.

Miguna Miguna yagirijwe kugambanira igihugu nyuma yo kwitaba umuhango aho umukuru w'abatavuga rumwe na leta, Raila Odigan, yirahiza nk'umukuru w'igihugu.

Abajejwe intwaro bavuze ko bwana Miguna yatakaje uburenganzira ku bwenegihugu bwa Kenya, nyuma yo kuronka ubwenegihugu bwo muri Canada.

Mu ntango za kuno kwezi, sentare yategetse leta gusubiza bwana Miguna igitabo ciwe c'inzira, yatswe igihe yirukanwa mu gihugu.