Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukobwa yikekwa ku rupfu rwa Kanumba yakatiwe imyaka ibiri
Umukobwa rurangiranwa mu gukina isinema muri Tanzaniya, Elizabeth Michael Kimemeta yakatiwe igipfungo c'imyaka ibiri ku bijanye n'urupfu rw'uwo bakundana.
Umukenyezi Kimemeta -- benshi bazi kw'izina rya Lulu -- yemeye ko yateranye amajambo n'uwo bakundana, umukinyi rurangiranwa w'isinema Steven Kanumba.
Yahakanye ko ariwe yatumye urupfu rw'uwo mugabo azwi ko akomeye cane mur'uwo mwuga.
Urwo rubanza rw'abantu babiri bazwi cane rwarakurikiranywe cane mu gihugu no mu karere.
Lulu yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza w'isinema "Zanzibar International Film Festival Award for Best Actress" mu 2013.