Lady Gaga ari mu bitaro

Yatangajwe
Umuririmvyi rurangiranwa Lady Gaga yatwawe mu bitaro, akaba yavuze ko yumva umubabaro mwinshi mu mubiri.
Uwo muririmvyi w'indirimbo "Bad Romance" yaciye ahagarika igiteramo c'umudiho wa Rock yogiriye i Rio, mu gihugu ca Brésil.
Yarungitse ubutumwa ku buryo bwa Instagram agira ati: "Nzobakorera ibishoboka vyose, ariko ntegerezwa kwitwararika umubiri wanje muri kino gihe," niko yandikiye abamukunda.
Uwo mwigeme w'imyaka 31, haheze igihe avuze ko yafashwe n'ingwara "fibromyalgia" ituma umuntu yumva atamerewe neza umubiri wose.

Ahavuye isanamu, Instagram
Yategekanya kuja mu rugendo mu Bwongereza mu kwezi kw'icumi.






