Wenger: Sanchez azosubira gukomera nka mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yatangajwe
AUmumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger avuga ko Sanchez azosubira gukomera nka mbere muri Arsenal inyuma y'aho binaniraniye ko yimukira mu wundi mugwi.
Vyabuze gato ngo uwo mukinyi w'umusatirizi wo mu gihugu ca Chili w'imyaka 28 aje mu mugwi wa Man City, ariko Wenger nta nkeka afise ko ataco vyamugize.
Arsenal yari yemeye kwakira imiliyoni 60 z'amapawundi ariko bivanye n'uko baronse umukinyi Thomas Lemar wo muri Monaco.
"Ntazoteba gukomera nka mbere," ni ko uwo mufaransa yavuze.
"Ihererekanya ry'abakinyi ryararangiye, hari vyinshi vyabaye, Biragoye kubivuga kuko ubu Leamr ari muri Monaco akeneye kwitaho cane uwo mugwi, Sanchez na we ari ngaha aho yitaho cane ivy'uyu mugwi.," ni ko yongeyeko.





