Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Emmanuel Macron ngo agiye kugarura icizere c'Abafaransa
Mu birori vyo kwimika umukuru w'igihugu mushasha Emmanuel Macron, yavuze ko Ubufaransa butegerezwa kurondera inyishu z'ibibazo bikomeye igihugu kirimo kino gihe.
Muri ivyo biabzo harimwo ikibazo c'abimukira, iterabwoba, kurondera inyuyngu z'umurengera hamwe n'ihindagurika ry'ibihe.
Yavuze ko umugabane wa Bulaya ukeneye guhinduka, yiyemeza gukora mu ntumbero yo kwunga abanyagihugu biwe, abemeza y'uko abumva ko bbibagiwe nabo bazokingirwa.
Vyitezwe ko Macronatangaza uwuzoba umushikiranganji wa mbere mu girondo co kuri uno wa mbere.