Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Le Pen yavuye ku burongozi bwa Front National
Umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa Marine Le Pen yatangaje ko akinjuye ku burongozi bw'umugambwe Front National (FN).
Amenyesheje ivyo umunsi umwe bimenyekanye ko agiye mu matora ya kabiri aho azohura na Emmanuel Macron.
Umupfasoni Le Pen yabwiye televiziyo y'Ubufaransa ko yipfuza kurengera ivyiyumviro vyotuma abanyagihugu bicamwo imigwi.
Mu matora ashingiye ku vyo abanyagihugu biyumvira (sondage d'opinion), Bwana Macron niwe yitezwe gutsinda amatora ya kabiri ariko umupfasoni Le Pen yavuze ati: "Dushobora gutsinda, tuzotsinda." Opinion polls suggest Mr Macron is firm favourite for the second round but Ms Le Pen said: "We can win, we will win."
Umupfasoni Le Pen yavuze ko yafashe iyo ngingo yavyiyumviriye cane, ko umukuru w'igihugu c'Ubufaransa asabwa kunywanisha abafaransa bose.
"Kur'uno mugoroba, sinkiri umukuru w'umugambwe Front National, ndi umukandida agwanira ubukuru bw'igihugu c'Ubufaransa," niko yavuze.