Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Macron na Le Pen barahatanira kuyobora Ubufaransa
Abakandida bo mu mashyaka abiri asanzwe akomeye muri politiki yo mu Bufaransa basabye abayoboke babo kuzatora Emmanuel Macron mu kiciro cya kabiri cy'amatora y'umukuru w'igihugu giteganijwe ku itariki ya 7 z'ukwezi gutaha.
Benoit Hamon, wo mu ishyaka ry'abasosiyalisiti na Francois Fillon wo mu ishyaka ry'aba Republicains bombi ntibabashije kuba muri babiri ba mbiri mu kiciro cy'amatora yabaye ejo ku cyumweru.
Aba bakandida bombi bashyigikiye Bwana Macron bamaganye politiki zirwanya Uburayi n'abimukira z'ishyaka rya Front National rya Marine Le Pen.
Azahatanira umwanya w'umukuru w'igihugu na Emmanuel Macro - w'imyaka 39 - wahoze akora muri banki.
Francois Fillon yaje ku mwanya wa gatatu n'amajwi 19.9%, akurikirwa na Jean-Luc Melenchon wagize amajwi 19.6% naho Benoit Hamon aza ku mwanya wa gatanu n'amajwi 6.4%.
Emmanuel Macron yaje ku mwanya wa mbere n'amajwi 23.8% akurikirwa na Marine Le Pen wagize amajwi 21.5%.