Syria: Igitero kuri bus z'abahunga caguyemwo abana 68

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Umugwi uharanira amahinduka muri Syria ufise icaciro mu Bwongereza wemeza ko mu bantu barenga 120 baraye baguye mu gitero c'ejo, barimwo abana barenga 68.

Ahavuye isanamu, AFP
Ibisasu vyo kuri uyu wa gatandatu vyatobekeranije imodokari zari zipakiye abanyagihugu bahunze bava mu bice vyarimwo abashigikiye leta, mu miji ya Fuaa na Kafraya, izingirikiwe n'abarwanya leta.
Kugeza ubu uwakoze ico gitero ntaramenyekana.
Icaturitse cahengereye imodokari yari ije gutanga ibifungurwa ihageze, abana bamaze gushengerera ari benshi.
Umunyamakuru wa BBC avuga ko bitumvikana ingene iyo modokari yari kuhagera idahawe uburengenzira na eta.






