Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya ntibuzerekana ihiganwa ry'indirimbo rya Eurovision
Igihugu c'Uburusiya camenyesheje ko kitazerekana ihiganwa ry'indirimbo ry'ibihugu vya Buraya, Eurovision, bitewe nuko uwobaserukiye, Julia Samoilova, yakumiwe n'igihugu ca Ukraine, gitegura iryo higanwa uno mwaka.
Ikigo gihurikiyemwo imbonerakure (televisions) zo ku mugabane wa Buraya "European Broadcasting Union" (EBU), cavuze ko Uburusiya bwiyatse akaryo ko kuja mw'ihiganwa ry'uno mwaka.
Ukraine yankiye Julia Samoilova kuja muri ico gihugu kuririmba muri "Eurovision", ngo kubera yagendeye igihugu ca Crimée, akarere kafashwe n'Uburusiya mu 2014.
EBU ntiyashimishijwe no kubona yankigwa kwinjira muri Ukraine.
Ivuga ko Ukraine iriko iratoba ihiganwa ritigera ryisunga ibijanye na politike.
EBU ari nayo itegura ihiganwa rya Eurovision, ivuga ko yiyumvira gutorera umuti iyo ngorane ya Samoilova mu nzira zibiri. Ubwa mbere k'uwo muririmvyi yoririmbira mu Burusiya hakoreshejwe ubuhinga bwa "satellite" canke ko igihugu comusubiriza uwundi yoja muri Ukraine guhiganwa mu kibanza ciwe.
Uburusiya bwahakanye ivyo vyose, ikigo ca television c'igihugu gica kimenyesha ko kitazokwerekana ivyo birori.