Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yateye izindi mpari muri Amerika
Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Amerika, Donald Trump, yatumye haba izindi mpari inyuma y'aho ahamagariye abayoboke biwe batunze inkoho kuzibira uwo bahanganye mu matora, Hillary Clinton, bakoresheje ububasha bahabwa n'ibwirizwa shingiro bwo kuzitunga.
Trump yariko arashikiriza ijambo abanywanyi biwe mu ntara ya Caroline du Nord.
Donald Trump yavuze ko mu gihe Hillary Clinton yotorwa, yoca agena umugwi w'abacamanza muri sentare nkuru bazoca bakuraho itegeko ritanga uburenganzira bwo gutunga inkoho.
Yavuze ko abanyagihugu bonyene ari bo bashobora gutuma ivyo bitaba.
Abarongoye imyiyamamazo ya Clinton banebaguye amajambo ya Trump bavuga ko atera umutekano muke.
Ariko abahanuzi biwe bavuga ko yariko arahimiriza abantu bemera uburenganzira bw'abanyagihugu bwo gutunga inkoho, bakoreshe amatora mu kuvyerekana.