Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Boris Johnston yagereranije UE na Hitler
Umwe mu banyapolitike baharanira ko Ubwongereza bwova mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya, Boris Johnson yahoze ari umukuru w'igisagara ca Londres, yagereranije uwo muryango na Napoleon canke Hitler.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru 'The Sunday Telegraph', Boris Johnson avuga ko bose bari basangiye umugambi wo gushirahamwe ibihugu vya Bulaya bikaba ikintu kimwe, n' ubwo avuga ko uburyo Ubumwe bwa Bulaya bwakoresheje butandukanye n'ubwabo.
Uwujejwe isekeza ryo guhimiriza abantu gutora ko Ubwongereza buguma mw'Ishirahamwe rya Bulaya muri kamarampaka yimirirje mu kwezi kuza Bwongereza, atururka mu mugambwe w'abakozi -labour, yasubije uwo munya politike wo mu mugambwe w'aba 'conservateurs' ko ariko agerageza gusanisha ibidasa.
Umushingamateka Yvette Cooper yavuze ko Boris atari akwiye kugereranya ishirahamwe ryakomeje amahoro ku mugabane wa Bulaya, n'umunyagitugu w'umu 'Nazi', yakoze ihonyabwoko ryahitanye miliyoni z'abantu ataco bazira.