Amafoto ya Africa hagati ya 28 z'ukwa mbere na 3 z'ukwa kabiri mu 2022

Abahungu babiri bikwije umusenyi i Lido hafi y'ikiyaga muri Somalia itariki 28 z'ukwa mbere 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasore baruhukira mu musenyi bisutseko i Lido muri Somalia, ku mugwa mukuru Mogadiscio kuri uyu wa gatanu.
Yatangajwe
Abantu baraba uwunyonga moto mu mahiganwa i Entebbe, Uganda ku w'Imana 30 z'ukwa mbere 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarorerezi bashimagiza n'urwamo rwinshi uwuri guhiganwa mu kunyonga moto mu gisagara ca Entebbe Uganda
Umugabo asoma buke buke champagne ahabera ibirori vy'indogoba muri Cape town kuri uyu wa gatandatu taliki 29 mu 2022.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Vyari ibirori bibereye ijisho ahabera amasiganwa i Kenilworth muri Afrika y'epfo mu muji wa Cape Town kuwa gatandatu...
Umugore n'umugabo bitavye amahiganwa y'ifarasi i Cape Town, Africa y'Epfo ku wa gatandatu itariki 29 mu kwambere mu 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Benshi bitavye amahiganwa y'ifarasi akundwa cane, kandi kare - ibi birori bitanguza igihe ciza c'imigenderanire y'abantu muri Cape Town.
Abatamvyi berekana igikino Cion: Requiem of Ravel's Bolero gikinwa ku nshuro ya mbere mu kibanza c'ivyese i Joburg, Afrika y'Epfo - kuwa gatandatu itariki 30 z'ukwa mbere 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abatamvyi berekana igikino Cion: Requiem of Ravel's Bolero mu kibanza c'ivyese i Johannesburg kuwa Mungu. Iki gikino categuwe n'umuhinyanyuzi w'intambo Gregory Maqoma, gishingiye ku muntu w'umuhimbano w'umunyamwuga mu kugandarira abahisi hamwe n'umuziki wanditswe n'umwanditsi w'indirimwo w'Umufaransa…
Umugabo yambaye nk'umukobwa muri Africa y'Epfo aryosha ibirori italiki 30 z'ukwa mbere 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uyo musi nyene ahandi hose mu gisagara, abitavye ibirori bashimye ingene umugabo yambaye nk'umukobwa yabiryoheje
Abadandariza inyama mw'ibarabara bariko barazumutsa mu gisagara ca Jinja muri Uganda italiki 2 z'ukwezi kwa kabiri 2022.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'imyaka 2 ya guma murugo, abanya Uganda baravuye munzu mu mpera z'ukwezi kwa mbere. Aha ni muri Jinja ku musi wa gatatu hateguwe inyama zidandarizwa mw'ibarabara mw'ijoro.
Ivyana vy'intare z'ubwoko Barbary i Rabat, Maroke - kuwa gatatu itariki 2 z'ukwa kabiri 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwo munsi nyene, ivyana vy'intare z'ubwoko Barbary vyafashwe ifoto biri mu ruhongore rwavyo mu kibanza barabiramwo ibikoko ku murwa mukuru wa Maroke, Rabat. Izo ntare zizwi kandi nk'Intare zo mu Buraruko bwa Afrika, ariko ziri ku mushiro mw'ishamba aho zamuka
Umufana w'umugwi w'umupira wa Senegal yambaye nk'intare i Yaounde, Kamerun italiki 2 z'ukwa kabiri 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ngaha umufana w'ikipe Lions of Teranga avuza urusaku kuwa gatatu ku munsi w'urukino rw'ica kabiri c'igikombe ca Afrika muri Cameroun ku murwa mukuru Yaounde. Ikipe ya Senegal uwo munsi yaratsinze…
Abakinyi b'umupira w'amaguru ba Misiri binonora imitsi, i Yaounde, Cameroun ku musi wa 5 mu 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bakazokina na Miziri. Ngaha kapitene Mo Salah (wa kabiri i bubamfu) hamwe n'ikipe yiwe bari mu myimenyerezo yo gukomeza umutsi i Yaounde kuwa gatanu
Pierre-Emerick Aubameyang yiyemeje gukinira Barcelone italiki 3 z'ukwa kabiri mu 2022

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunye-Gabon Pierre-Emerick Aubameyang atera umukono w'izina ryiwe igihe yerekanwa mw'ikipe yiwe nshasha ya Barcelona kuwa kane. Guhindura ikipe ku munota wanyuma ata mahera atanzwe kwatumye ava muri Arsenal yo mu Bwongereza.
Umunya Senegal w'imyaka 22, yagiye atambaye mu mugwi w'abakinisha urubura muri Amerika mu gisagara New York ku wa gatandatu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umunya Senegal w'imyaka 22, yagiye atambaye mu mugwi w'abakinisha urubura muri Amerika mu gisagara ca New York ku wa gatandatu.
Abantu basengera mu musigiti munini i Ouagadougou, Burkina Faso - taliki 28 z'ukwa mbere mu 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abaje mu masengesho yo kuwa Gatanu bashitse ku musigiti wa Grand Mosque ku murwa mukuru wa Burkina Faso. Iyi foto ni imwe mu rukurikirane rw'ayafashwe na John Wessels, ari mu gikorwa co gutororokanya amakuru y'ubuzima bwa minsi yose i Ouagadougou nyuma y'itembagazwa ry'ubutetsi ryo mu ndwi iheze…
Abagore batoze barindiriye amafranga yabo ku kigo c'ubutare Pissi Granite, Ouagadougou italiki 28 mu 2022.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abagore batonze baje gutora amahera ku musi wa 5 mu kibanza bimbamwo ubutare i Ouagadougou
Umutwazi w'ifarasi i Ouagadougou, Burkina Faso - ku wa mbere italiki 1 z'ukwa kabiri 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwutwara ifarasi ariko arimenyereza kuyiganza kuwa mbere. Amafarasi ni kirumara cane mu muco w'abanye Burakina Faso, ugasanga abatwazi b'ifarasi bavyiyigishije bakora imyimenyerezo rwihishwa mw'ijoro biga kuzikoresha utugenegene hamwe n'amahiganwa yo gusiganwa…
Umuhungu akiri muto ariko yihweza amahiganwa y'indogoba, abera i Ouagadougou ku wa 6 italiki 30 z'ukwambere mu 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuhungu akiri muto ariko yihweza amahiganwa y'indogoba, kandi ashobora kwinjiriza abazitwara abera i Ouagadougou ku wa 6
Ethiopian Prime Minister Abiy Ahmed (i Bubamfu ) and Sheikh Mohammed bin Zayed (i Buryo ) i Abu Dhabi, United Arab Emirates - ku wa 5 italiki z'ukwa mbere mu 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abiy Ahmed, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopiya afotoranywe ku wa gatanu n'umuganwa wa Abu Dhabi, kimwe mu bihugu bigize Emirat Arabe Unis cahaye Ethiopiya utudege dutoya bita drone dukoreshwa mu ngwano.
Urwaruka rw'abanya Lybia rwagize amahiganwa mu gihugu cose mu gukora yo guhingura ivyuma vya robo ruhuriye mu gisagara ca Benghazi ku musi wa kane italiki 3 z'ukwa kabiri 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuwa kane, urwaruka rw'abanye Libya ruri mw'ihiganwa ryo ku rwego rw'igihugu ryo guhingura ivyuma vya robo mu muji wa Benghazi.
Umuntu ariko akora moteri y'ubwato kuri Ibaka jetty kw'izinga rya Okrita, mu ntara ya Rivers, muri Nigeria mu musi wa gatanu italiki 28 z'ukwa mbere mu 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Impano z'ubukanishi ziriko zirifashishwa kuri ino nkombe mu ntara ya Rivers mu bumanuko bwa Nigeria, aho umugabo ariko aragerageza gukora imoteri y'ubwato kuwa gatanu.
Amato azunguruka mu mazi yo muri Yala Swaamp muri Kenya ku musi wa 5 italiki 28 z'ukwa 2

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aya mato ariko araca mu kajaga ka Yala mu burengero bwa Kenya kuwa Gatanu. Impirimbanyi zivuga yuko iki kibanza, ca mbere mu gihugu hose mu kugira amazi menshi kandi anyobwa - gisanzwe gituwe n'impongo ziri ku mushiro - kibangamiwe n'ibikorwa vy'iterambere.

Aya masanamu akeneye urusha mu gukoreshwa