Kenya-Shona: 800 bamuka muri Zimbabwe baronse ubwenegihugu inyuma y'imyaka 60

Umugore w'umushona wo muri Kenya ariko arerekana jarangamuntu yahawe
Yatangajwe

Abantu barenga 800 bo mu bwoko bw'aba Shona bo muri Kenya baronkejwe amakarata karangamuntu inyuma yo kumara imyaka myinshi babayeho batagira ubwenegihugu.

Izo ndangamuntu zizobafasha kuronka ubwa mbere nk'abandi banyagihugu ivyankenerwa vy'ibanze mu buzima bwa minsi yose nko kuvurwa, kuja mu mashure hamwe n'ugukoresha za banki n'izindi nzego z'amafaranga.

Yerekana umunzero yari afise muri ivyo birori vyabereye ku murwa mukuru Nairobi, Zephaniah Noel Muungani yavuze ati: ''Numva umenga ndi umwana ahejeje kuvuka, ndiko ndasimbasimba. Kuva uyu munsi ndagizwe umunya-Kenya.

''Mfise imyaka 57, nabayeho ubuzima bwanje bwose ntashobotra kwugurura konte muri banki.

Zephaniah Noel Muungani
Insiguro y'isanamu, Zephaniah Noel Muungani ati: "Navukiye ngaha nkurira ngaha, ubuzima bwanje bwose nabaye ngaha."

"Ubu ndaryohewe ko ntazosubira kubika amafaranga yanje mu cumba munsi y'imatera. Sinzosubira gushira amafaranga yanje ahadatekanye. Ubu ngiye kuzohora ndayashira mu kibanza gitekanye, aho naho ni muri banki."

Abo Bashona bashitse muri Kenya mu myaka ya 1960 mu butumwa bw'ubukristu bavuye muri Rhodesia, ubu gisigaye ari Zimbabwe.

Abatashoboye kwandikwa ngo baronke ubwenegihugu bwa Kenya mu myaka ibiri ya mbere ico gihugu kimaze kuronka intahe yo kwikukira mu 1963, ntibashoboye kubikora mu nyuma.

Benshi muri abo Bashona rero baciye bakomeza kubaho nk'abatagira ubwenegihugu kuva ico gihe.

N'ubwo abo Bashona bo vyabagendeye neza, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko hari abandi bantu benshi baba muri Kenya bo mu yandi moko y'inkehwa barindiye nabo amahirwe yo guhabwa ubwenegihugu.