Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK-Covid:Intambwe zine kugira Ubwongereza busubire mu buzima busanzwe
Ministre wa mbere w'Ubwongereza(UK),Boris Johnson yasiguriye inama nshingamateka urukurikirane rw'intambwe zine igihugu kizocako kugira gisubire mu buzima busanzswe inyuma y'ingingo zahagaritse ibitari bike mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira ry'umugera wa Covid-19.
Mu ntambwe ya mbere, itariki 8 z'ukwezi kwa gatatu amashure yose azokwugurura, abantu babiri nabo bemerwe kuyagira hanze.Ku wa 29 ukwa gatatu,guhurira hanze kuzoba kwemewe ku bantu batandatu canke ingo zibiri. Inkino zibera hanze harimwo umupira w'amaguru, tennis na golf zizorekurirwa gusubiura kuba kuri iyo tariki ya 29 ukwezi kwa gatatu nyene.
Mu ntambwe ya kabiri, imangazini, aho gusokoza canke kumwa imishatsi, inzu zo kwinonoreramwo imitsi canke gushinga urusago hanze bizoba birekuwe kuva kuri 12 z'ukwezi kwa kane, co kimwe n'impongore z'ibikoko n'ibibanza vy'udukino two kwiryohera.
Intambwe igira gatatu izotangura ku wa 17 ukwezi kwa gatanu aho ingingo nyinshi zibuza abantu guhura zizovanwaho, hanwe no guhurira ahantu hugaye.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwomgereza yizigiye ko intambwe ya kane izotagura ku wa 21 ukwezi kwa gatandatu, izotuma ingingo zose zibuza abantu guhura zihava.
Ibihugu vya Ecosse(Scotland), Pays de Galles(Wayes) na Irlande ya Ruguru(North Ireland) bizoshinga intambwe zavyo.
Incanco za Covid zarafashije cane mu kugabanura ubukari bwo kurwara cane nk'uko vyerekanwa n'umwihwezo w'igisata c'ubuvuzi cwa Ecosse. Ku ndwi igira kane inyuma y'urucanco rwa mbere, abantu barwariye mu bitaro bagabanutse gushika kuri 85 kw'ijana na 94 kw'ijana ku ncanco Pfizer na AstraZeneca.
Ubwomgereza gushika ubu buharura abantu barenga miriyoni zine (4.126.150) bamaze kwandura corona n'abarenga ibihumbi 120 (120.757) bamaze gupfa.
Kuva hatanguye isekeza ryo gutangwa urucanco, hamaze gutangwa incanco zirenga miriyoni 17(17.723.840).