Human Rights yagiriza ingabo za Ethiopia kwica aba 'civil' muri Tigray

Umusirikare wa Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Ethiopia zatanguye ibitero muri Tigray itariki 4 ukwezi kwa 11
Yatangajwe

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryagiriza igisirikare ca Ethiopia kuba cararashe kidatoranya ibisagara mu ntambara yabaye mu ntara y'uburaruko ya Tigray mu kwezi kwa 11.

Iryo shirahamwe rifise icicaro muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika rivuga ko ibitero vyarenze ku "mategeko y'intambara" rigasaba reta gukora amatohoza.

Reta ntiyashotse igira ico ishikiriza ku bivugwa na Human Rights ariko yari isanzwe imaze kuvuga ko ingabo zayo zitwaye neza.

Imihana, amashure, ibitaro n'amasoko navyo nyene vyaratewe igihe ibisasu bikomakomeye vyariko biraterwa ata gutoranya ku bisagara vya Tigray, nk'uko biri muri ico cegeranyo.

Abanyagihugu basanzwe 83 (civil), barimwo abana, barishwe, abarenga 300 nabo barakomereka, ku bwa Human Rights Watch.

Ibi bivuguruza umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed imbere yaho yemeje ko ata munyagihugu asanzwe yishwe n'ingabo za reta mpuzantara muri iyo ntambara.

ikarata ya Ethiopia

Mu gihe reta iriko irugurura bukebuke amayira yo kwinjiza imfashanyo muri iyo ntara, iracanana kurekurira abarorerezi mpuzamakungu gushika yo.

Iyo ntambara yatanguye inyuma yaho ikambi ya gisirikare iterewe n'abagwanyi b'umugambwe watwara iyo ntara, Tigray People's Liberation Front (TPLF).

Benshi mu ndongozi za TPLF barishwe canke barafatwa, ariko umukuru w'uwo mugambwe n'ubu aracinyegeje.