Zimbabwe:Umuvuguzi wa reta yasavye imbabazi ''abanganga b'abicanyi''

Igisata c'ubuvuzi gihabwa uburyo buke cae muri Zimbabwe

Ahavuye isanamu, AFP

Yatangajwe

Umuvugizi wa reta ya Zimbabwe yasavye ikigongwe inyuma y'aho ishirahamwe ry'abaganga bo muri ico gihugu ryerekaniye ishavu batewe n'uko yavuze ko abanganga aribo bobazwa urupfu rw'abategetsi bo muri reta bamaze guhitanwa na Covid-19.

Nick Mangwana yanditse kuri twitter ati: ''abaganga b'abicanyi'', ashaka kuvuga ko bareka ibigirankana abanyeporitike bagapfa.

Abashikiranganji bane baramaze kwicwa na Covi-19, mu gihe umugera w'iyo ndwara ukomeje gukwiragira mu gihugu aho igisata c'amagara y'abantu gisanganywe uburyo buke cane.

Ubwa mbere Nick Mangwana yari yavuse ko ''yongeye ijwi ku kibazo cari gisanzwe kivugwa mu gihugu''

Sibusiso Moyo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sibusiso Moyo, yahora ari umushikiranganji w'imigenderanire wa Zimbabwe ari mu bategetsi bishwe na Covid-19

Abaganga b'ico gihugu bavyakiranye uburakari bwinshi , bashimika mu kuvuga ko bitanga cane mu buryo buke n'gahembo gato baronka, mu kurwanya ico kiza.

Bamwe mu banyeZimbabwe babona ko kubera ingingo zo kutava mu rugo mu kwirinda ikwirakwira ry'umugera wa Covid-19 , abategetsi b'iki gihugu batagishobora kwiruka baja kwivuza hanze nk'uko uwahora ari umukuru w'ico gihugu Robert Mugabe yakunda kubigira.

Ubu abategetsi ba Zimbabwe nta kundi bagira atari ukwitura ubuvuzi bw'imbere mu gihugu bonyene bagizwa gusambura.