Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzige zasubiye gutera mu buseruko bwa Uganda
Ikiguri gishasha c'inzige cateye mu bice bimwe bimwe vy'uburaruko n'ubuseruko bwa Uganda, ibituma ico gihugu gishobora gutakaza umwimbu wo mu kwa gatandatu kuza.
Haciye iminsi ine ico kiguri kigizwe n'inzige zikiri nto gishitse muri ako karere gahana urubibe n'uburengero kwa Kenya, kuva ico gihe zikaba zateye zinjira mu bundi burere bwo hagati mu gihugu.
Umukuru w'igisata kijejwe gukingira ibiterwa muri Uganda, Byantwale Tibejuka, avuga ko ico kiguri kigizwe n'inzige zishobora gukwira ku bwaguke bwa kirometero kwadarato zitanu.
Abategetsi b'uturere twatewe bemeza ko ico gitero kimaze kwonona imirima itari mike.
Utwigoro two kurwanya izo nzige duhura n'inzitizi zijanye n'ingingo ziherutse gufatwa na leta y'ico gihugu zo kuzibira uruja n'uruza mu ntumbero yo kuzibira ikwirakwira rya wa mugera coronavirus.
Harabuze kandi amafaranga ashika ku miliyoni 4.2 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo leta ishobore kurwanya izo nzige.
Ico gihugu caheruka guterwa n'uturwi tw'inzige zikuze mu kwezi kwa kabiri uno mwaka.
Hari ubwoba izo nzige zishobora kwiyongera mu mezi ari imbere bitumwe n'uko hari ibindi biguri vyazo biguma bivuka mu bihugu bibanyi vya Kenya, Ethiopia hamwe na Somalia.