Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzige ziharugwa mu miliyaridi zigendera hamwe ari nyinshi muri Afrika y'ubuseruko
Inzige ziharugwa mu miliyaridi zikwiragiye mu bice vya Afrika y'ubuseruko hamwe no mu bumanuko bwa Aziya zikaba arizo zabonetse kubwinshi zigira hwame ari nyinshi muri iyi myaka 25 yo muri iki kinjana, zigasubiza inyuma umwimbu zinabangamira imibereho y'abanyagihugu.
Inzige zisanzwe zirya ibifungurwa bihuye n'ibiro vyazo umusi ku musi, zigwira ku bwinshi mu gitigiri, aho zishobora kuba zikuvye gushika ku ncuro 100 mu kwezi kwa 6.
Mu kwezi kwa mbere, igisata ca ONU casavye amafranga imiliyoni 76 z'amadolari yo guhangana n'ico kibazo.
Urugero rw'ayo mafranga rwaduze ku miliyoni 138 y'amadolari.
Ariko gushika ubu imiliyoni 52 z'amadolari gusa nizo zimaze kuboneka, harimwo izishika 10 zashitse muri iyi ndwi zitanzwe n'ikigo c'umugwizatunga ruhebwa Bill, bita Bill and Melinda Gates foundation.
Ibice vyageramiwe gusumba ni Afrika y'ubuseruko na Yemen, hamwe n'ibihugu vyo mu kigobe, Irani Pakistani n'Ubuhindi.
Mu gihe ca vuba, inzige zarabonetse muri Republika ya Demokrasi ya Kongo kandi imigwi yazo yarongeye ishika muri Koweit, Bahrain, Qatar hamwe no ku nkengera z'igihugu ca Irani.
Gupompa mu bibanza hamwe no mu kirere vyabonetse ko ari uburyo bufasha cane mu kwirukana imigwi y'inzige.
Ariko uwujejwe ikigo gikurikirana inzige zo mu bugaragwa muri Afrika y'ubuseruko Stephen Njoka yabariye BBC ko indege yafashije gato.
Yavuze ko igihugu ca Etiyopiya kiriko gikoresha indege 5, Kenya nayo 6 mu gupompa umuti wica udukoko hamwe no kugenzura muri iki gihe.
Ariko leta ya Kenya ivuga ko ikeneye indege 20 zo gupompa umuti wica udukoko - hamwe n'iyindi miti yo kubandanya bongereza iyica imibu bokoresha, bita Fenitrothion.
Kenya imaze kwigisha abantu barenga 240 bava mu bihugu vyashikiwe n'inzige zo mu bugaragwa, aho biga gukurikirana ibijanye n'ingene zigendera hamwe ari nyinshi.
Leta y'Ubushinwa yamenyesheje mu kwezi kwa 2 ko igiye kurungika umugwi w'abahinga mu gihugu kibanyi ca Pakistani gukomeza imigambi yihwejwe neza yo kugwanya inzige.
Amakuru atangwa avuga ko, hashobora kurungikwayo imbata ibihimbi 100.
Lu Lizhi, umushakashatsi wo hejuru wo kuri Kaminuza ya Zhejiang ijejwe ubuhinga bw'uburimyi yabariye ikinyamakuru Bloomberg ko imbata ari ibinyabuzima bikora nk'ibigwanisho ku nzige.
Yavuze kandi ko mugihe inkoko zishobora kurya inzige 70 ku musi, imbata imwe yoyo ishobora kurya izikuvye izo incuro zitatu.
Yabariye ikinyamakuru c'Ubushinwa ko kubera imbata zikundana mu mugwi, bituma vyoroha kuzikurikirana kurusha inkoko.
.