Coronavirus: Ku ncuro ya mbere hatangajwe ica rimwe abantu benshi bayanduye mu karere

Ahavuye isanamu, Live event
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Kenya bwatangaje ko habonetse abantu bashasha 22 batowemwo umugera coronavirus, vyatumye ibitigiri vy'abayanduye biba 81 muri ico gihugu.
Mutahi Kagwe arongoye ubwobushikiranganji yavuze ko muri abo 22 batoyemwo uwo mugera, 21 muri bo basanzwe barashizwemu cumba ca bonyene.
Ibi nivyo bitigiri vy'abantu benshi batoyemwo Covid-19 ku munsi umwe muri aka karere k'ibiyaga binini.
Muri abo bayitoyemo 18 ni abanyagihugu ba Kenya, babiri ni abo muri Pakistan bandi babiri ni abo muri Cameroun. Muri bose, 13 ni abagabo icenda ni abagore.
Bwana Kagwe amenyesha ko abo 22 batowe mu bipimo 300 vyafashwe mu masaha 24 aheze.
Muri Kenya kandi, umukenyezi wa mbere yatanguye kumenyekana ko yari yanduye coronavirus amenyesha ko yakize neza inyuma y'iminsi 23 ariko aravurwa.
Uyo mukenyezi azwi kw'izina rya Brenda, yabwiye abanyamakuru ko yari yagiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwa cumi na kabiri guheze, ariko akaba yagiye kwikeka ko yoba yaranduye uwo mugera amaze kugaruka muri Kenya avuye i Londres mu ntango z'ukwa gatatu.
Uyo mukenyezi hamwe na mugenziwe Brian bagiriraniye ikiyago na Perezida Uhuru Kenyatta mu kiganiro n'abanyamakuru baciye ku buhinga bwa bw'imboneshakure ica ku mbuga ngurukanabumenyi.
Brenda ati: "Nafashwe n'inkorora mu kiringo c'iminsi itatu yose maze kugaruka mu gihugu".
Avuga ko yaciye anyarukira ku kigo leta yategekanije co kwakira abanduye uwo mugera ku mugwa mukuru Nairobi kugira ngo yivuze.

- CORONAVIRUS: Yakwirindwa gute?
- IBINDI BIBAZO WIBAZA KURI IKI CYOREZO: Ibimenyetso by'iyi ndwara ni ibihe?
- UMUBIRI UYIRWANYA GUTE: Abahanga bamenye uko bigenda
- DUSABWA KWIRINDA KWIKORA MU MASO: Twabigenza dute?
- WABA URI MU RUBYIRUKO? OMS ivuga ko utakwirara
- KWISHYIRA MU KATO: Ni ryari? Bikorwa gute? Bitanga iki?

Ahanura abanyagihugu ba Kenya, Brenda yavuze ati: "Covid-19 ni indwara ishobora kuvurwa igakira".
Eka na mugenziwe Brian avuga ko yanduye uwo mugera inyuma y'aho abonaniye na Brenda, amenyesha ko na we nyene yakize.
Avuga ko ivyamubayeko vyatumye n'ababanyi biwe bemera ko iyo ndwara "ivurwa kandi igakira".
Perezida Kenyatta yashimiye cane Brenda kubona yaciye yibwiriza agafata ingingo we nyene yo kwijana ku kigo gishirwamwo abanduye uwo mugera, amaze kwumva ko akitswe n'amagara.
Brian yagiye gushikanwa muri ico kibanza nk'umwe mu bagenzi ba hafi cane ba Brenda.
Baciye ku mbuga hwaniro, Abanyakenya benshi bashimye kubona amakuru y'abo bantu babiri yatangajwe ku mugaragaro, bakavuga ko ivyo bibaha icizere.
Kuva Kenya itangaje umuntu wa mbere yanduye Covid-19 kuwa 13 z'uku kwa gatatu, abashika 81 nibo bamaze gutangazwa ko bamaze kuyandura gushika ubu.
Nico gihugu gifise abayanduye benshi mu ari Afirika y'Iburasirazuba.









