Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Umupasitori yahakanye ko ata coronavirus iri muri Africa yarengukishijwe
Abategetsi ba Uganda barengukishije umupasitori inyuma y'aho abwiriye abanywanyi b'ishengero ryiwe ko ata mugera wa coronavirus uri muri Afrika.
Abashikirizamanza ejo ku wa mbere bagirije Augustine Yiga ko yavuze ayo majambo ku munsi wa gatanu imbere y'abakirisu b'ishengero ryiwe, Revival Christian Church, amajambo yasubiwemwo n'amateleviziyo yo muri ico gihugu.
Uyo mu pasitori arahakana ivyo yagirizwa.
- CORONAVIRUS: Yavuye he, ifata ite, yakwirindwa gute?
- IBINDI BIBAZO WIBAZA KURI IKI CYOREZO: Ibi ni bimwe mu bisubizo
- UMUBIRI UYIRWANYA GUTE: Abahanga bamenye uko bigenda
- DUSABWA KWIRINDA KWIKORA MU MASO: Twabigenza dute?
- WABA URI MU RUBYIRUKO? OMS ivuga ko utakwirara
- KWISHYIRA MU KATO: Ni ryari? Bikorwa gute? Bitanga iki?
Uganda gushika ubu imaze guharura abashika 33 bamaze kwandukirwa n'uwo mugera ruhonyabantu.
Umuvugizi w'igipolisi ca Uganda Patrick Onyango yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ati:
"Kwubahuka kuvuga ko Covid-19 itabaho muri Afrika na Uganda, ni ukunaniza utwigoro twa leta mu kurwanya ico kiza,.
"Ivyo bigashobora gutuma ubuzima bw'abanyagihugu bubangamirwa cane kuko bituma birengagiza ingingo zafashwe mu ntumbero yo kukizibira".
Uyo mu pasitori ashobora gupfungwa imyaka ishika ku ndwi.
Amadini atari make mu bihugu vya Afrika y'Ubuseruko yarafashe ingingo zijanye no kurwanya umugera wa coronavirus, harimwo no guhagarika ibisabisho ku minsi y'ugusenga.
Abantu bashika 33 muri Uganda nibo bamaze kwemezwa ko banduye uwu mugera kuva haboneka umuntu wa mbere yawanduye, hari ku wa 20/03/2020.
Perezida Museveni yaraye atangaje ibihe bidasanzwe muri ico gihugu kuva kuri uyu wa 01/04 mu kiringo c'indwi zibiri.