Umwunganirizi wa Lt Cl Vindman yagiriza Trump ko ariko aturubika abatamushigikiye

Liyetena koloneli Vindman yavuze ko yatewe amakenga n'ikiganiro ca Trump kuri telefone na Perezida Zelensky wa Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Liyetena koloneli Vindman yavuze ko yatewe amakenga n'ikiganiro ca Trump kuri telefone na Perezida Zelensky wa Ukraine
Yatangajwe

Umwunganirizi mu vyo amategeko w'umutegetsi wa Amerika yirukanywe na Perezida Donald Trump yamirira kure ivyagirizwa umukiriya wiwe, inyuma y'aho Bwana Trump avugiye ko yamwirukanye kubera "ukutubaha".

David Pressman, umwunganirizi wa Liyetena koloneli Alexander Vindman, avuga ko ayo majambo ari "ikinyoma cambaye ubusa" kandi ko Bwana Trump ari "mw'isekeza ryo gutera ubwoba".

Liyetena koloneli Vindman yirukanywe inyuma y'aho Trump yejejwe n'Inama Nkenguzamateka.

Bwana Trump aherutse kandi kwirukana uwuserukira Amerika mu muryango w'ibihugu vya Bulaya, nawe nyene yamuseseye agatabi.

Ari imbere y'inama nshingamateka mu kwa 11 umwaka uheze, Liyetena koloneli Vindman, umuhinga ku bijanye na Ukraine mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche, yavuze ko yatewe "amakenga" n'ikiyago Trump yagiranye kuri telephone n'umukuru w'igihugu a Ukraine, Volodymyr Zelensky mu mwaka uheze.

Ico kiyago catumye Perezida Trump akorwako amatohoza yo kumubogoza mu kwezi kwa 12 guheze n'Inama nshingamateka, yamwagiriza ko yakoresheje ubutegetsi mu buryo butabereye, hamwe no kuburabuza inama nshingamateka.

Aba Democrates bagiriza Perezida Trump ko yahagaritse imfashanyo ya Amerika ku nyungu ziwe za politike.

Mu butumwa butandukanye yacishije ku rubuga rwa Twitter ku vyerekeye Liyetena koloneli Vindman, Trump avuga ko yasuzuguranye, agatanga raporo y'ibinyoma ku kiganio ciwe kuri telefone.

Amwagiriza ko yakorera abantu benshi bituma amena amabanga.

Bwana Pressman avuga ko umukuru w'igihugu "yashikirije amajambo menshi y'ibinyoma ku vyerekeye Liyetena koloneli Vindman".

"Biteye kubiri n'ukuri ku bimwerekeye hamwe no ku vyerekeye urubanza rw'ibogozwa ryiwe azi neza".

Yongeye ati: "Mu gihe uyu muntu wa mbere akomeye kw'isi abandanya n'umugambi w'uguturubika, mu gihe abenshi mu bari mu mabanga batubahuka kuvuga, Liyetena koloneli Vindman abandanya akorera igihugu nk'ingabo yatiwe mu gisirikare cacu".

Donald Trump yarejejwe n'Inama Nkenguzamateka ku wa gatatu w'iyi ndwi mu rubanza rwo kumubogoza

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yarejejwe n'Inama Nkenguzamateka ku wa gatatu w'iyi ndwi mu rubanza rwo kumubogoza

Inyuma y'amatora y'akataraboneka ku wa gatatu w'iyi ndwi aho Inama Nkenguzamateka yahagaritse ibogozwa ryiwe, Perezida Trump avugwa ko afise imigambi y'uguhindura abakozi bo mu biro vyiwe.

Ku wa gatanu, yarirukanye uwuserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu muryango w'ibihugu vya Bulaya, Gordon Sondland, nawe nyene yatanze ivyemezo ko Pereida Trump yakoze amakosa ku vyerekeranye n'imfashanyo yari igenewe Ukraine.

Uwo bavukana na Liyetena koloneli Vindman, Yevgeny Vindman, bompi bakaba ari amahasa, yari umunyamategeko mukuru bunyamabanga bujejwe umutekano, nawe nyene yarakuwe asubizwa mu gisata kijejwe igisirikare ku wa gatanu.