Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Theresia Mumbi: Ubwanwa bwamutumye abona ko adasa n’abandi bagore
Theresia Mumbi, umukenyezi wo muri Kenya, ni nyina w'umwana w'umuhungu w'imyaka indwi, wewe akaba afise imyaka 34.
Asanzwe akora akazi k'ubu kokayi ku mamodoka yunguruza abantu ku mugwa mukuru Nairobi.
Hagati aho, kubona afise ubwanwa bwinshi nk'ubwo abagabo vyatumye ubuzima bwiwe butandukana n'ubwo abandi bagore.
Avuga ko yinubwa n'ababanyi aho ageze ugasanga bamutunga urutoke bamusakuriza.
Ubwanwa bwamuteye ibibazo
Mumbi ati: "Igihe nari kw'ishure nari mfise imishatsi myinshi, jewe nkaba nabibona nk'ibisanzwe, nta ngorane vyantera".
Amaze kurangiza amashure yisumbuye atanguye kurondera akazi, mu mwaka wa 2005 niho yabona ubwanwa bwiwe buguma bukura ku buryo budasanzwe, aca afata ingingo yo kuza arabumwa.
Yagiye kubona mu nyuma ko yari gupfuma abureka kuko vyatumye bubandanya bumera ku bwinshi.
Si ibintu bisanzwe kubona abagore bamera ubwanwa.
Mumbi yaratekewe n'ubwoba yibaza ingene ubuzima bwiwe bugiye kumera.
Ati: "Nagiye kubona ko ari igikorwa kitoroshe co kunyegeza ubwanwa ngo uriko urabumwa. Nama ndiko ndabumwa umwanya wose, ariko mvamwo ndaruha, nca mfata ingingo yo kudasubira kubumwa".
Igihe yari yafashe ingingo yo kuza arabumwa nta ngorane yagira kuko vyamutuma asa n'abandi bagore basanzwe.
Ariko amaze guheba kubumwa, ibibazo vyaciye bitangura kuba ingorabahizi.
Isura yarahindutse, abantu bakama bamuraba bakaryana inzara, bamutuma urutoke, eka bamwita amazina yo kumutyekeza.
Ico gihe, yakora mw'ihoteri imwe iri mu gisagara ca Nairobi, aho n'abakiriya bahevye bakamumenyera. Ariko yaza kugira ingorane iyo agodotse avuye ku kazi.
Mumbi ati: "Ndi muhira sinigera mva mu nzu, n'aho naba nshonje gute! Nararindira gushika mw'ijoro nkabona gusohoka nkaja mw'iduka canke kw'isoko kugura utuboga canke imfungurwa".
"Numva isoni ngatinya ko ababanyi bamvugako ubujambojambo kubera bambonye mfise ubwanwa, n'aho ata ngorane nari mfise ku kazi".
Ivyo vyose vyatumwe n'uko ubwanwa bwiwe bwaguma bukura kandi yarushe no kwama abumwa igihe cose, bikanatuma akabiri kiwe kononekara.
Mumbi yafashe ingingo yo kurondera impanuro k'umuganga, uyu nawe akaba yamubwiye ko umubiri wiwe wari ufise ingorane za hormone, ariyo yamutuma amera ubwo bwanwa.
Yarashikiwe n'amagorwa atazigera yibagira mu buzima bwiwe, aho naho ni igihe yafatwa n'abapolisi ari ku kazi iwe k'ubukokayi.
Kuri we uwo uwo munsi wari umunsi udasanzwe kuko avuga ko abapolisi babategetse gutanga amashilingi 400 buri muntu, canke naho babatware mu gasho, Mumbi avuga ko atayo yari afise.
Niho rero we n'abakokayi bagenziwe baciye batwarwa ku gipolisi, hanyuma we baca bamushira mu cumba c'abagore.
Mu nyuma niho hinjira umupolisi w'umugore, aca amutegeka gukura impuzu ziwe zose. Amubabije igituma yamwishuye ati:
"Ntituzi neza igitsina cawe, turatinya ko woba uri umugabo, arico gituma dushaka kukuraba neza kugira ngo amakenga ahere".
Mumbi avuga ko ivyo vyamubabaje cane kuko abo bapolisi bamuteje isoni kubera yari afise ubwanwa.
Mumbi avuga ko ivyo vyamutumye yibaza ibibazo vyinshi, abaza Imana igituma yamuremye ameze gutyo.
Yagumye yibaza ati 'none nimba abapolisi bankoreye ibi, abanyagihugu basanzwe nabo bomfata gute'?
Ibintu ntivyaworoheye na gato kuko hageze n'igihe yipfuza kwiyahura.
Avuga ko kimwe mu vyamutumye adashika hiyo mbere n'ico ciyumviro kikamuvamwo ari umwana wiwe w'umuhungu, yamwemeye uko ameze nka nyina wiwe atuma mbere abaho mu buzima nk'ubo abandi.
None ni ibintu bisanzwe ku mugore kumera ubwanwa?
Abahinga mu bijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza bavuga ko ibi bintu vy'abagore vyo kumera ubwanwa bizwi mu majambo y'igifaransa nka «hirsutisme» canke «hypertrichose».
Abo bahinga kandi bavuga ko hari abagore bashobora kumera ubwanwa bivuye ku bwinshi bw'ibinyamubiri (hormone) bifiswe n'abagabo vyitwa "androgene", gushika ubu hakaba ata muti w'iyo ngorane.