Somalia: Abantu batatu bishwe mu gitero c'ubwiyahuzi i Mogadishu

Abajejwe ubutabazi baciye banyarukira ahabereye igitero kugira batabare abakomeretse

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi baciye banyarukira ahabereye igitero kugira batabare abakomeretse
Yatangajwe

Abantu batatu nibo bapfuye abandi batandatu barakomereka mu gitero ca bombe ku mugwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, nk'uko bivugwa n'ubutegetsi.

Imodoka yarimwo ibibombe yaturikiye mu kibanza c'igenzura ry'umutekano, ku masanganzira agendwa cane i Mogadishu, hafi y'inyubakwa za leta.

Umuhari al-Shabaab watangaje ko ariwo wakoze ico gitero.

Ico gitero cabaye isaha zitatu zo mu gitondo, ku kibanza c'igenzura kiri hagati y'ubushikiranganji bw'umutekano n'ingoro y'inama nshingamateka i Mogadishu.

Yari amasaha yari afise uruja n'uruza runini cane kuko abantu bariko baja ku kazi.

Habaye uruhagarara aho ico gitero cabereye mu gihe ibikorwa vy'ugutabara bikibandanya.

Ya mamodoka rusehabaniha n'abajejwe kuzimya imicanwa y'ivyaduka baciye banyarukira muri ico kibanza caciye gikikizwa n'ingabo za leta.

Umwe mu bavugira uwo muhari, Abdiasis Abu Masoud, yemeza ko ari abarwanyi ba Al-Shabaab bakoze ico gitero.

Uyo muhari ugendera kuvyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu wama ukora ibitero mu mugambi wayo wo kurwanya leta ya Somalia ishigikiwe n'ishirahamwe ONU.

Haraciye iminsi cumi habaye igitero nk'ico i Mogadisho nyene, cahitanye abantu 90 hamwe n'abandi barenga 100 bakomeretse.

Hagati aho, abategetsi bamenyesha ko ibitero vy'indege bibiri vyakozwe n'ingabo za leta zifatanije n'ingabo za Amerika ku birindiro vy'umuhari Al-Shabaab vyahitanye abarwanyi b'uwo muhari 40.

Televiziyo ya leta ya Somalia, itangaza ko ikirindiro c'uyo muhari kiri mu karere ka Jamame arico catewe.

Izo ngabo kandi zivuga ko zateye ahari abategetsi bakuru ba Al-Shabaab bari mu munsi mukuri mu karere ka Jijib.

Ibi bitero vy'ingabo za Somalia n'iza Amerika bikozwe mu gihe uyo muhari nawo wongereje ibitero mu bice vya Somalia na Kenya, aho mu minsi itanu gusa abarwanyi bawo bakoze ibitero bitatu.