Amahasa yavutse ku matariki n'imyaka bitandukanye muri Amerika!

Amahasa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ayo mahasa yavutse hataragera akaba akiri mu bitaro
Yatangajwe

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari amahasa (impanga mu kinyarwanda) yavukiye ku magenekerezo atandukanye, umwe ku wa 31/12/2019, uwundi avuka ku wa 01/01/2020 muri Leta ya Indiana.

Muti vyagenze gute?

Joslyn yavutse isaha zitanu z'ijoro n'iminota 37 (23h37) ku wa 31/12/2019 mwenewabo nawe Jaxon aca avuka haciye iminota 30 , ni ukuvuga ku wa 01 z'ukwa mbere 2020.

Vyumvikana rero ko ayo mahasa adafise itariki imwe y'amavuka, kandi ko batavukiye umwaka umwe.

Ikinyamakuru ca Amerika catangaje iyi nkuru kimenyesha ko ayo mahasa yavutse hataragera akaba akiri mu bitaro, aho abandanya agaburirwa na sonde. Vyari bitegekanijwe ko bovutse mu kwezi kwa kabiri 2020.

Ariko ku wa 31/12/2019, niho abavyeyi babo, Dawn Gilliam na Jason Tello, bagira amakenga bumvise badakakaza mu mbanyi, ariho baca bafata ingingo yo kunyarukira kwa muganga.

Niho abaganga bababwira ko ata ngorane, ariko ko bishoboka ko bari kwibaruka kuri iryo genekerezo nyene rya 31 z'ukwa cumi na kabiri.

Se wiwe yabwiye ibinyamakuru bitari bike vya Amerika ko babona y'uko abo bana bashobora kuvukira ku magenekerezo atandukanye, ariko batabona neza.

Ati: "Icadutangaje rero: bavutse ku matariki atandukanye n'imyaka itandukanye. N'ukuri twumiwe".