12 bahagaritswe bagirizwa kubomora imva ya DJ Arafat muri Côte d'Ivoire

Ahavuye isanamu, @arafat8500
Igipolisi ca Côte d'Ivoire cahagaritse abantu 12 bagirizwa kubomora imva y'umuririmvyi azwi cane muri ico gihugu bapfundurura isandugu yari yahambwemwo.
Abanya Côte d'Ivoire benshi bababajwe n'ireresi yazungurutse ku mbuga hwaniro yerekana abakunzi ba DJ Arafat, yasandavye mu kwezi guheze mw'isanganya, bakura isandugu yiwe mu ruhafu barayugurura kugira ngo barabe koko y'uko irimwo ikiziga ciwe.
Ivyo bibaye inyuma y'urukurukuru n'ibihuha vyakwiragijwe bivuga y'uko yoba atapfuye.
Ku munsi wa gatanu w'indwi iheze, abantu ibihumbi n'ibihumbi baritavye igiteramo cabereye ku kibuga c'umupira mu ntumbero y'ukwibuka ubuzima bwiwe.
DJ Arafat, izina ryiwe ry'ukuri akaba yari Ange Didier Houon, yari yavutse ku wa 26 z'ukwa mbere 1986 asandaba ku wa 12 z'ukwezi kw'umunani guheze azize isanganya ry'ipikipiki.
Yari azwi cane nk'umuririmvyi w'umucuraranzi rurangiranwa muri Côte d'Ivoire no muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Afrika.
Yafatwa nk'icirore c'umuziki wo mu mudiho witwa Coupé-décalé wabiciye bigacika mu myaka ya 2000 na 2010, umudiho wahavuye wizizirwa n'urwaruka rwa Côte d'Ivoire muri kino gihe.






