Umushingamateka wo muri Danemark yabwiwe ko ‘ata ruyoya rwemewe’ mu gihe inama nshingamateka ikoranye

Ubutumwa bw'umushingamateka Mette Abildgaard kuri Facebook bwatumye abarenga 1000 bagira ico bashikirije

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubutumwa bw'umushingamateka Mette Abildgaard kuri Facebook bwatumye abarenga 1000 bagira ico bashikirije
Yatangajwe

Umushingamateka wo mu gihugu ca Danemark yagize ico ashikiriza inyuma y'aho asabiwe gusohora umwana wiwe yari yatondanye mu gihe inama nshingamateka yari ikoranye.

Mette Abildgaard avuga ko bwaribwo bwa mbere atondanye ku kazi uyo mwana wiwe w'umukobwa afise amezi atanu y'amavuko, inyuma y'aho se w'umwana yankiye kumusigarana.

Amakuru avuga ko Pia Kjaersgaard, umukuru w'inama nshingamateka, yamubwiye ko "atarekuriwe kwinjira" afise urwo ruyoya.

Umupfasoni Kjaersgaard avuga ko amategeko ngenderwako atomoye akwiye kumenyeshwa ku biraba abashingamateka bafise abana.

Ku ruhande rwiwe, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, umupfasoni Abildgaard amenyesha ko atarinze gusaba uruhusha kubera yigeze kubona mugenziwe atondanye umwana wiwe ku kazi ata ngorane.

Avuga ko yari yemeranije n'umunyamabanga wiwe ko atari kumwinjirana mu gihe inama nshingamateka ishashe mu gihe "yoramuka ateye n'induru na ntoya", akaba rero yafashe ingingo yo kumwinjirana kubera umwana wiwe "atagoranye".

Niho rero mu nyuma umupfasoni Kjaersgaard yarungikira ubutumwa umwe mu bakozi bo mu nama nshingamateka, asaba uyo mushingamateka gusohora uyo mwana.

Danemark kiri mu bihugu bizwiko bifise ubuntu cane kw'isi

Umupfasoni Kjaersgaard yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Ritzau ati: "Abashingamateka nibo bategerezwa kuba bari mu nzu y'amakoraniro, si abana canke inzoya".

Umuvugizi wiwe yabwiye ikinyamakuru BT co muri Danemark ko uwo avugira yakurikje amategeko nk'umukuru w'inama nshingamateka, akaba yibajije ko urwo ruyoya "rwariko ruragorana muri iyo nama".

Igihugu ca Danemark kiri mu bihugu bizwiko bifise ubuntu cane kw'isi mu gutanga akaruhuko gakwiye ku bavyeyi bibarutse.

Abakenyezi bibarutse bafise uburenganzira bw'ukuronswa akaruhuko k'indwi 18 (amezi ane n'igice), mu gihe abavyeyi bompi bafise izindi ndwi 32 (amezi umunani) z'akaruhuko bashobora kugabura hagati yabo uko bavyipfuza.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, umupfasoni Abildgaard, yamenyesheje ko yahisemwo gusubira ku kazi "mu ntumbero y'ugukorera demokarasi".

Umwe mu bagize ico bashikiriza ku rubuga rwa Facebook ku vyo uyo mupfasoni yari yanditse yavuze ati: "Inama nshingamateka iserukira abavyeyi n'abana, yategerezwa kwugurukira abavyeyi n'abana".

Sibwo bwa mbere inkuru nk'izo z'abanyepolitike batondana abana ku kazi zivugwa mu binyamakuru.

Jacinda Ardern niwe mutegetsi wa mbere yafashe akaruhuko ko kwibaruka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jacinda Ardern niwe mutegetsi wa mbere yafashe akaruhuko ko kwibaruka

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Nouvelle-Zélande, Jacinda Ardern, yaratondanye umwana wiwe mu gihe yari aramutse ashikiriza ijambo ryiwe rya mbere mu nama y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York mu kwezi kw'icenda kw'umwaka uheze wa 2018.

Niwe yabaye umutegetsi wa mbere kw'isi yatondanye umwana mu nama nkuru ya ONU.

Mu mwaka uheze kandi, amasanamu yarazungurutse cane ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana umushikiranganji wo mu gihugu ca Canada, Karina Gould, ariko yonsa umwana wiwe w'umuhungu mw'ikoraniro ry'inama nshingamateka.

Mu burengero bw'igihugu ca Australia, amategeko ariko arigwa kugira ngo bashobore kwemerera abakenyezi kwonkereza abana mu nama nshingamateka.