Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Habaye igabishwa kw'ipilipili ikaze cane kw'isi
Umuntu yariye ipilipili ikaze cane kw'isi mw'ihiganwa ryo kurya ipilipili ikaze yajanywe mu bitaro inyuma yo kugira ububabare bwinshi cane mu mutwe.
Uwo muntu w'imyaka 34 yariye ipilipili yo mu bwoko bwa Carolina Reaper muri iryo higanwa ryabereye mu gisagara ca New York.
Ubwo bubabare bwarabandanije imisi mike.
Ivyo vyanditswe mu kinyamakuru ca BMJ nk'ikintu ca mbere gitangaje kimaze kuba kivuye kukurya ipilipili ikaze.
Umuganga yakurikiranye uwo mugwaye yagabishije asaba ko umuntu wese yohirahira akarya ipilipili ikaze cane ko yoca aja kwa muganga mu gihe yokwumva ububabare ubwo ari bwo bwose mu mutwe.
Ububabare bukaze cane bwo mu mutwe buterwa n'uko imitsi itwara amaraso yikanye mu bwonko, ingwara izwi kw'izina rya 'cerebral Vasoconstriction syndrome' (RCSV).
Inyuma yo kurya iyo pilipili muri iryo higanwa, uwo muntu yatanguye kwumva ashaka kuyorwa. Yatanguye kumva ababara cane mw'izosi mu misi mike aca agwara n'umutwe, mu masegunda make cane.
Ubwo bubabare bwari bukomeye cane ku buryo vyabaye ngombwa ko ajanwa mu cumba c'indembe mu bitaro, aho yapimwe ingwara nyinshi aho vyagaragaye ko yababaye. Ibipimo vya x-ray vyerekanye ko imitsi myinshi mu bwonko bwiwe yagoramye.