Gaza: Hamas yemeye gusubiza ibirwanisho mu mugambi w’amahoro wa Trump, ariko Israel ntaco irabivugako

Inyuma y'amezi atari make y'ibiganiro, umuhari Hamas watangaje ko wemeye gusubiza burundu ibirwanisho vyose muri Gaza, mu mugambi w’amahoro wa Trump, uzwi nka Board of Peace (Inama y'Amahoro).

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi, no muri iki cyumweru! Ni aho ku wa mbere, ubwo tuzongera kubagezaho amakuru mu buryo bw’aka kanya.

  2. Videwo: Reba abimukira bagera ku 60.000 binjiye mu mazi i Cueta muri Espagne bavuye muri Maroc

    Insiguro ya video, Abimukira boga binjira Cueta muri Espagne bavuye muri Maroc
  3. Umuyobozi w'akarere ka Espagne avuga ko abimukira bagera ku 60.000 bageze muri Ceuta mu masaha 24

    Abimukira

    Ahavuye isanamu, © Europa Press via Getty Images

    Perezida wa Ceuta yavuze ko abimukira bagera ku 60.000 bambutse bajya mu karere ka Ceuta ka Esipanye kari muri Afurika y'Amajyaruguru baturutse muri Moroc mu masaha 24 ashize, anavuga ko abagera kuri 34 bapfuye ubwo bambukaga.

    Uku kwiyongera kw'abaturage kuje nyuma y'uko Urukiko rw'Ikirenga rwa Esipanye rufashe icyemezo cy'uko abimukira bahagaze mu nyanja bagerageza kugera muri Ceuta cyangwa Melilla, ikindi gihugu cy'Abesipanyole badashobora gusubizwa muri Maroc byihuse.

    Minisitiri w’Intebe Pedro Sánchez yavuze ko ibi ari "igitero" kandi avuga ko abimukira bose batemewe n’amategeko bazasubizwa muri Maroc "byihuse bishoboka ". Abayobozi benshi b’ibihugu by’i Burayi bagaragaje impungenge, bamwe basezeranya gukaza igenzura ry’imipaka.

    Abategetsi bavuze ko abarenga 25.000 bagarutse muri Maroc ku bushake kugeza ubu.

  4. Ivy'akakanya, Hamas:Gutanga intwaro zacu zikomeye bizakorwa ri uko Israel ikuye ingabo zayo muri Gaza

    Hamas avuga ko gutanga intwaro zayo ziremereye mu masezerano yagiranye n’inama y’amahoro ya Trump bizaterwa n’uko Isiraheli ihagaritse "ibitero byose" no gukura ingabo zayo muri Gaza.

    Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara, Hamas ivuga ko yagiranye ibiganiro "mu buryo bufatika kandi bunoze", hamwe n'"ubwumvikane bw'igihugu hagati y'imitwe ya Palestine".

    Ivuga ko icyemezo cya Israel cyo guhagarika ibitero cyayo kuri Gaza ari "intego y'ibanze" kugira ngo amasezerano akomeze.

    Hamas ivuga kandi ko ayo masezerano asaba ko ingabo mpuzamahanga zishinzwe kurinda zishyirwaho kandi ko hagomba kubaho uburenganzira bwemejwe bwo "kwishyira ukizana, gushyiraho igihugu cyigenga cya Palestine".

    Yongeraho ko intwaro zikomeye zatanzwe na Hamas zizabikwa mu nshingano za Komite y'Igihugu y'Inama y'Amahoro ishinzwe Ubuyobozi bwa Gaza (NCAG).

    Iri tangazo rije nyuma y’uko umwe mu bayobozi bakuru ba Hamas abwiye BBC ko itsinda ryemeye kwamburwa intwaro kandi ko hazakurikiraho itangazo ryemewe.

    Israel ntabwo yari yemeranya n'uyu mugambi.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Israel yagabye igitero gishya kuri Gaza

    Igitero

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Bivugwa ko Israel yatgabye igitero gishya kuri Gaza, nyuma y'amasaha make Perezida wa Amerika Donald Trump atangaje amasezerano yo kwambura intwaro Hamas.

    Ibiro ntaramakuru bya Reuters bivuga ko Abanyapalestina benshi bakomerekeye muri icyo gitero, nk'uko byatangajwe n'abayobozi b'ubuzima ba Gaza.

    Hagati aho, Al Jazeera yatangaje igitero cyagabwe hafi y'umusigiti mu gace ka Karama, mu majyaruguru y'Umujyi wa Gaza.

    Igisirikare cya Isiraheli (IDF) cyabwiye BBC ko kirimo gukora iperereza kuri iki kibazo.

    Nk’uko Minisiteri y’Ubuzima ya Gaza iyobowe na Hamas ibivuga, Abanyapalestina bagera ku 1.168 bishwe mu bitero bya Israel kuva amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Isiraheli na Hamas yatangira gushyirwa mu bikorwa mu Ukwakira(10) umwaka ushize.

    Abasirikare bane ba Israel bishwe mu bitero by'Abanyapalestina i Gaza muri icyo gihe.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Amadrone ya Ukraine yaturiye kimwe mu bigo binini vy’Igitoro vy’Uburusiya i Volgograd

    Igitero i Zaporizhia

    Ahavuye isanamu, t.me/ivan_fedorov_zp

    Ibinyamakuru vyo muri Ukraine bivuga ko kimwe mu bigo binini vy’Uburusiya bitunganya ibitoro, kiri ahitwa Lukoil mu ntara ya Volgograd, caturiwe mu gitero c’indege zitajamwo abadereva (drone).

    Buramatari wa Volgograd, Andrei Bocharov, yavuze ko hadutse umuriro mu kigo ntanganguvu n’ibitoro kiri mu bumanuko bwa Volgograd, ariko ntiyavuze izina ryaco.

    Avuga kandi ko hari n’ibindi bikorwa remezo vya gisivire vyononekaye, harimwo inyubakwa y’uburaro n’inzu y’uwigenga, aho abantu batanu bajanywe kwa muganga.

    Ikompanyi nini y’ubudandaji ya Wildberries – muri iyi minsi ikaba yiziziwe mu bitero vya Ukraine - yemeje ko ikigo cayo co kubika no gukwiragiza ibidandazwa kiri i Volgograd cafashwe n’umuriro.

    Ni oigitero kigize 11 ku bigo vy’ububiko vya Wildberries kuva ku wa 18 Mukakaro (7). Ukraine yemeje ibi bitero, ikavuga ko ibikoresho vya gisirikare, vyari muri ico kigo kandi kandi ko vyagomba bishirwe kw’isoko.

    Hagati aho, mw’ijoro ryakeye, ingabo za Russie zagavye igitero kuri Ukraine zikoresheje amadrone 255, gushika isaha zibiri zo mu gitondo (8:00 a.m.), 195 muri yo akaba yari amaze “kuraswa no gusamburirwa mu kirere”, nk’uko Ingabo zirwanira mu kirere za Ukraine zabivuze.

    Ibindk ku ntambara ya ukraine: Intambara Russia-Ukraine

  7. Fifa ivuga ko ata ‘n'umwe ariko aragurisha umupira w'amaguru’ mu gihe umugambi wayo ubandanya

    Gianni Infantino
    Insiguro y'isanamu, Gianni Infantino arongoye FIFA kuva mu 2016

    Fifa yatangaje ko ata “n'umwe ariko aragurisha umupira w'amaguru”, ariko ikiyemeza kubandanya umugambi uteje impari wo kugurisha imitahe mu mahiganwa yayo ku banyamitahe bigenga.

    UEFA, ishirahamwe ry’umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya, ryatoye ejo ku wa kane ingingo yo kwanka kwitaba Inkino z’igikombe c’Isi mu gihe uwo mugambi woshirwa mu ngiro.

    Concacaf, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru muri Amerika y’uburaruko no hagati ari na ryo ryakiriye ihiganwa ry’Igikombe c’Isi ry’uno mwaka, ryatangaje ko amashirahamwe 41 arigize “yanse” uwo mugambi washikirijwe n’umukuru wa Fifa, Gianni Infantino.

    Fifa ni ryo shirahamwe rihagarariye umupira w’amaguru kw'isi yose. Kugira uwo mugambi wemerwe, Infantino ategerezwa kuronka amajwi awushigikira angana nibura na 106 mu banywanyi 211 ba Fifa. Uefa na Concacaf hamwe bifise amajwi 96 gusa.

    Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatanu, Fifa yavuze ko ibiganiro vyo gusuzuma uwo mugambi vyahungabanyijwe n'amakuru atari yo yatangajwe n'ibinyamakuru bimwe bimwe.

    Iri tangazo rivuga riti: “Dufata nka nkama ivyiyumviro n'amakenga vyashikirijwe ku mugaragaro, kandi dushimangira ko twiyemeje gutunganya ibiganiro vyuguruye kandi kuri bose.

    “Tuzobandanya n'iyo nzira y'ibiganiro kugira ngo buri shirahamwe riri muri Fifa rishobore gutanga ijwi ryaryo rishingiye ku makuru y'ukuri.

    “Nta muntu n'umwe ariko aragurisha umupira w'amaguru. Iki si ikintu Fifa yohava ishigikira na gato”.

    UEFS yagiriza Fifa ko iriko ikoresha umupira w'amaguru kugira ngo itungishe abayirongoye n'abagenzi babo.

    Imbere y'aho, Gianni Infantino yari yarandikiye amashirahamwe ahurikiye muri Fifa ayemerera imiriyoni 40 z'amadolari y'Abanyamerika mu gihe boshigikira uno mugambi uteje impari.

    Yashinze kandi itariki ntarengwa ya 19 Nyakanga (9) 2026 kugira amashirahamwe y'umupira w'amaguru abe yemeye uwo mugambi. Amashirahamwe azoba yawemeye imbere y'iyo tariki azoca aronswa igice ca mbere c’imiriyoni 20 z'amadolari y'Abanyamerika.

  8. MONUSCO yemeza ko hari abantu 39 bari batahukanywe mu Rwanda basubijwe muri RD Congo

    logo

    Ahavuye isanamu, Monusco

    Ubutumwa bw’amahoro bwa ONU muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (MONUSCO) bumenyesha ko ku wa 29 Mukakaro (7) 2026, abategetsi b'Urwanda basubije muri Congo abantu 39 bari batahukanywe mu Rwanda, biciye mu mugambi wo kwaka ibirwanisho, guhungura, gusubiza mu buzima busanzwe no gusubiza mu vyabo (DDRRR) abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho.

    Mw’itangazo yasohoye ejo ku wa kane, MONUSCO yemeza ko itari ihari igihe abo bantu basubizwa muri RD Congo kandi ko ata ruhara na rumwe yagize muri ico gikorwa.

    MONUSCO ntisigura ingene n’igihe yari yatahukanye aba bantu mu Rwanda, ariko imenyesha ko imbere yo guhungura abantu muri ico gihugu, ibanza gukora igenzura ryimbitse ku ngero zitandukanye kugira ngo umuntu yemezwe ko akwije ibisabwa kugira ngo aje ku rutonde rw’abasubizwa mu Rwanda.

    “Abakozweko umwihwezo bagasanga barakwije ibisabwa ni bo bonyene bashirwa ku rutonde rw'abategerezwa gusubizwa mu gihugu cabo, uru na rwo rugaca rushikirizwa umurwi w’Urwanda ujejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi (RDRC) kugira ngo irwige yongere irwemeze ubwa nyuma imbere y'uko abo bantu bahaguruka bava muri RDC”, ni ko iri tangazo rivuga.

    Imvo zatumye basubizwa muri Congo ntizishirwa ahabona, ariko amakuru avuga ko abategetsi b'Urwanda basanze abo bantu atari Abanyarwanda, ko ahubwo basanze ari Abanyecongo.

    BBC Gahuzamiryango yabajije umuvugizi wa reta y’Urwanda imvo zatumye basubizwa muri Congo, ariko ntarashobora kwishura.

    Soma iri tangazo hano: MONUSCO:

  9. Uefa ishobora kwanka kwitaba inkino z’Igikombe c'Isi ari nka hamwe integuro za FIFA zokwemezwa

    Umukuru wa FIFA Gianni Infantino na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umukuru wa FIFA Gianni Infantino (i bubamfu) afise intego yo gushora imitahe mu mahiganwa y'umupira w'amaguru ku banyamitahe bigenga abicishije ku bantu bafitaniye imigenderanire na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Amashirahamwe 55 ajejwe umupira w'amaguru i Buraya agize Uefa yatoye yemeza ingingo yo kwanka kwitaba Inkino z’igikombe c’Isi mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, ryobandanya umugambi wo kugurisha imitahe mu mahiganwa yaryo ku banyamitahe bigenga.

    Iyo ngingo yafatiwe mu nama yihutirwa yari yatumweko kugira ngo baganire kuri uno mugambi watangajwe na FIFA muri iyi ndwi.

    Concacaf, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru muri Amerika y’uburaruko no hagati ari na ryo ryarakiriye ihiganwa ry’Igikombe c’Isi ry’uno mwaka, ryatangaje ko amashirahamwe 41 arigize “yanse” uwo mugambi washikirijwe n’umukuru wa Fifa, Gianni Infantino, inyuma y'inama yabaye ku wa kane.

    Hari n’amakuru avuga ko ibihugu biri muri Concacaf biriko biratakaza icizere vyari bifitiye Gianni Infantino.

    Uefa yari yamaze kwiyamiriza uno mugambi ibicishije mu matangazo abiri akomeye cane yanegura iyo ngingo, kandi yasubiye no kubishimangira cane.

    Ejo ku wa kane, Uefa yagize iti: "Igikombe c’Isi ntigishobora gufatwa k’urudandazwa rwo gushoramwo imitahe.

    “Ni kimwe mu bintu vyiza vyamye biranga umupira w'amaguru. Cubatswe mu bihe bitandukanye n'abakinyi, imirwi nserukirabihugu hamwe n'abakunzi b'umupira w’amaguru ku migabane yose. Nta ruhande na rumwe rushobora kugurishwa ku banyamitahe bigenga. Igikombe c’Isi si ico kugurishwa”.

    Iyo ngingo ya Uefa yo kwanka kwitaba amahiganwa yose Fifa, harimwo amahiganwa y’Igikombe c’Isi ku ruhande rw’abagabo no ku ruhande rw’abagore, hamwe n'Igikombe c'Isi c'imirwi y’umupira w’amaguru, kandi ikazoja mu ngiro mu gihe imigambi ya Gianni Infantino yoba yemejwe n'amashirahamwe ahurikiye muri Fifa.

    Igipimo ca mbere kizoba muri Gitugutu (10), mu gihe co gukuranamwo mu nkino zo kurondera itike y’igikombe c’Isi ku ruhande rw’abagore.

    Biravugwa ko umukuru w'Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru mu Bwongereza (FA), Debbie Hewitt, hamwe n'umuyobozi nshingwabikorwa waryo Mark Bullingham, bari mu bashikirije amajambo muri iyo nama ya Uefa yaranzwe n’ishavu n'uburakari kubera ukuntu benshi baterekwa uwo mugambi.

    Naho Debbie Hewitt ari umwe mu vyegera umunani vy’umukuru wa FIFA, nta makuru yari afise ku biganiro Gianni Infantino yari amaze igihe agirisha ku bijanye n'uwo mugambi.

  10. Gaza: Hamas ivuga ko yemeye gusubiza ibirwanisho mu mugambi w’amahoro wa Trump, ariko Israel ntaco irabivugako

    Abarwanyi ba Hamas

    Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images

    Inyuma y'amezi atari make y'ibiganiro, umuhari Hamas muri Gaza watangaje ko wemeye gusubiza burundu ibirwanisho vyose, mu mugambi w’amahoro wa Trump, uzwi nka Board of Peace (Inama y'Amahoro).

    Perezida Trump yavuze ko ayo masezerano ari ay'akataraboneka kandi ko ari intambwe ihambaye cane iganisha kw’ishingwa ry’ubutegetsi bushasha bwa Palestina muri Gaza.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga nyagiro rwiwe, Truth Social, Trump yagize ati: "Iyi ni intambwe ihambaye cane mu gushira mu ngiro Umugambi wa Trump ugizwe n'Ingingo 20. Aya masezerano azoshirwa mu ngiro mu bwitonzi kandi mu mice yateguwe.

    “Mu gihe igikorwa co gushira hasi ibirwanisho kizoba kirangiye, ingabo za Israel zizoca ziva muri Gaza, hanyuma Ingabo Mpuzamakungu zo Gutsimbataza Umutekano zizoc zikorana n'igipolisi gishasha ca Palestina kugira ngo zifate mu minwe umutekano wa Gaza ku bayibamwo no ku babanyi bayo”.

    Umutegetsi umwe wo hejuru wa Hamas yabwiye BBC ko uwo muhari wemeye umugambi wo gusubiza burundu ibirwanisho muri Gaza, kandi ko vuba hagiye itangazo ku mugaragaro.

    Yongeye ashimira Misiri, Qatar na Turukiya ku ruhara vyagize mu guhuza impande.

    Umunyamakuru wa BBC akorera i Cairo mu Misiri avuga ko uwo mugambi utegekanya kugira urutonde no kubika ibirwanisho biremereye vya Hamas bisigaye, bikagenzurwa n'abategetsi ba Palestina.

    Kugeza ubu, Israel ntiragira ico ibivugako, ariko Perezida Trump yavuze ko ingabo za Israel zizova muri Gaza igihe igikorwa co kwaka ibirwanisho Hamas n'iyindi mirwi yose yitwaje ibirwanisho kizoba kirangiye.

    Gusa, imbere y'uko ayo masezerano ashikwako, umwe mu bategetsi ba Israel yari yavuze ko uwo mugambi utari bwashitse ibisabwa na Israel.

    Iyi ntambara hagati ya Israel na Hamas yatanguye ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, igihe abarwanyi b'uno muhari w'Abanyapalestina binjira muri Israel, mu gitero gikomeye cabaye giturumbuka, bica abantu bababa 1200, bongera banyuruza abandi bababa 250.

    Kuva ico gihe, Israel yaciye itera akarere ka Gaza ubu gasigaye karangwamwo ibihomoka gusa.

    Twibukanye bimwe bimwe kuri iki gitero ca Hamas catejeiyi ntambara:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.