'Misiri yari yagabishije Israel imisi mike imbere y’igitero ca Hamas'

Ahavuye isanamu, Social media
Misiri yari yagabishije Israel ko hashobora kwaduka imigumuko imisi itatu imbere y’uko umuhari Hamas ujabuka imbibe ugakora igitero c’ubwicanyi, bivugwa n’umukuru wa komite y’inama nshingamateka ya Amerika.
Umukuru wa komite ijejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu nama nshingamateka ya Amerika Michael McCaul ni we yabibwiye abamenyeshamakuru.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko aya makuru ari “ikinyoma cambaye ubusa”.
Inzego za Israel zijejwe igendereza ziriko zirakurikiranwa kubera zananiwe kuzibira iki gitero cihaye inkumbi cakozwe n’abarwanyi ba Palestina mu myaka 75 Israel imaze ibayeho.
"Turazi ko Misiri yari yagabishije Abanya-Israel imisi itatu imbere ko hari gushobora kuba ikintu nk’iki”, niko McCaul yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’icegeranyo inzego z’igendereza zahaye abashingamateka mu mwiherero ejo ku wa gatatu ku vyerekeye Ubuseruko bwo hagati, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Uno mu Repubulikani wo muri Texas yongerako ati: "Si ngomba kwinjira cane mu makuru y’ibanga, ariko bari bagabishijwe. Nibaza ko gusa ikibazo gisigaye ari ukumenya hari ku rugero rungana gute”.
Umutegetsi wa Misiri wo mu rwego rw’igendereza yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press muri ino ndwi ko Cairo yari yagabishije Israel incuro nyinshi ko “hari ikintu gikomeye” cariko kirategurirwa muri Gaza.
Atipfuje ko izina ryiwe rimenyekana, uno mutegetsi avuga ati: "Twarabagabishije ko ibintu vyagomba bibe nabi, kandi vuba bidatevye, kandi ko cari kuba ikintu gikomeye. Ariko bafashe minenerwe izi mburi”.
Uno mutegetsi w’i Cairo avuga ko abategetsi ba Israel bafashe minenerwe igitero cari kuva muri Gaza, bakaba bari barajwe ishinga ahubwo na Cisjordanie/West Bank.
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Financial Times gisubiramwo abategetsi babiri batavuzwe amazina ariko bazi iki kibazo, nta makuru nyayo y’igendereza yari ahari yavuga ko hari kuba igitero kidasanzwe.
Ejo ku wa gatatu, Netanyahu yavuze ko amakuru ayo ari yo yose yoza avuga ko Israel yari yagabishijwe imbere y’iki gitero yoba ari “ikinyoma cambaye ubusa”.

Misiri, igihugu gisanzwe kigenzura buri muntu ajabuka urubibe yinjira canke asohoka Gaza mu bumanuko, ikunze kuba umuhuza hagati ya Israel na Hamas.
Abarwanyi barenga 1500 barajabutse uruzitiro rwa Gaza mu gitero co ku wa gatandatu cakozwe mu mice itatu: ku butaka, mu mazi no mu kirere.
Igitigiri c’abamaze gupfa muri Israel muri ibi bitero vya Hamas cageze ku 1200. Ku rundi ruhande, abarenga 1000 baramaze kwicwa mu bitero vy’indege vya Israel kuri Gaza.
Israel ibandanya icucagira ibibombe ku bibanza Hamas ikoreramwo muri Gaza mu kwihora, mu gihe abanyagihugu baba muri aka karere bavuga ko ata muyagankuba bagifise inyuma y’aho isoko ntanganguvu rimwe rudende ryari rihari riburiye igitoro.
Hagati aho, Hamas yiyamirije amajambo yashikirijwe na Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa kabiri, aho yavuze ko Israel ifise uburenganzira bwo gusubiza ibi bitero yise “igikorwa c’ubugome”.
Uno muhari w’Abanyapalestina uvuga ko amajambo ya Biden ari ayo “guturira”, kandi ko afise intumbero yo gusongera isibe mu ndyane z’Agace ka Gaza.
Inyuma y’igitero ca Hamas, Amerika yatangaje ko yariko irarungika ubwato bwikorera indege z’intambara, amato n’indege z’intambara mu buseruko bw’ikiyaga Mediterane, kandi ko yari guha Israel ibindi bikoresho vya gisirikare n’amasasu.











