Donald Trump ni we agiye kuba umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agira 47

Umurepubulikani Donald Trump yashoboye kuronka amajwi arengeye ayo yarondera kugira ngo atsinde ano matora, akaba ari agiye kuramutswa igihugu, atsinze Umudemokarate Kamala Harris.

Incamake

  • Donald Trump yamaze kwizigira intsinzi akaba ahejeje gushikiriza ijambo aho abwira Abanyamerika ko atazobahemukira
  • Abanyamerika bitabiriye amatora y’umukuru w’igihugu cabo ku wa 5 Munyonyo
  • Abarenga imiriyoni 82 ni bo bari bamaze gutora imbere y’uno musi nyezina w’amatora
  • Kamala Harris w’imyaka 60 na Donald Trump w’imyaka 78 nibo bahiganira iki kibanza
  • Harris yari yiyemeje guharanira uburenganzira bwo gukoroza inda no kugabanya ibiciro vy’imfungurwa no gupanga ku miryango y’abakozi
  • Trump yiyemeje kwubaka uruhome rwo kuzibira umupaka, no kugabanya amakori afise agaciro k’imiriyaridi ziharurwa mu bihumbi
  • Hampande y'umukuru w'igihugu, habaye kandi n'amatora y'abashingamateka: Nk’uko bigenda buri myaka ibiri, abanyagihugu baratora kandi abashingamateka 435, ubu Abarepubulikani ni bo biganje mu nama nshingamateka ihari ubu.
  • Ica gatatu c’abakenguzamateka ba Amerika - 34 kw’100 - na co nyene kiriko kirarondera. Abademokarate ubu bagenzura inama nkenguzamateka
  • Umugambwe w'Abarepubulika ubu ni wo ugiye kugenzura inama nkenguzamateka

Amakuru y'ikibiriraho

Na Bernard Bankukira BBC Great Lakes

  1. Ibiharuro birabandanya gutangazwa

    Hari izindi ntara zitari nke zimaze gutangaza ibiharuro

    Donald Trump aboneka ko yatsinze mu ntara za:

    • Florida
    • Alabama
    • Missouri
    • Oklahoma
    • Tennessee

    Kamala Harris na we amaze gutsinda muri:

    • District of Columbia
    • Maryland
    • Massachusetts

    Mu mwanya uri imbere ibiharuro biva muri Pennsylvania, Wisconsin, Arizona na Michigan hamwe n’izindi zishika 16 bishobora gushika kubera zamaze kwugara ibiro vy’amatora.

  2. Ubwoba bw’ibitero vya bombe ku bibanza vy'itora vya Georgia

    Igipolisi mu karere ka DeKalb mu ntara ya Georgia kiri mu gikorwa co guhiga ibibombe bivugwa ku biro indwi vy’amatora. DeKalb ni akarere karwiriyemwo abirabure kandi katoye Joe Biden ku rugero runini cane mu 2020.

    Itora ryongerejwe ikiringo ku biro vy’itora bitanu mu karere ka Fulton karwiriyemwo abirabure, inyuma y’aho igikorwa co gutora gihagarariye kubera ubwoba bw’ibitero vya bombe.

    FBI n’umukuru w’amatora muri Georgia, Brad Raffensperger, bompi bari bavuze ko ko vyinshi mu bihuha vyo gutera ubwoba bisa n’ibiva mu butumwa muravyo (emails) bwo mu Burusiya kandi ko ari ububeshi.

    Hariho n’ibindi bibanza bikeya vy’itora mu ntara zibiri mahindagu - Michigan na Wisconsin – amatora yahungabanye kubera ibisa nk’ibinyoma.

    Hagati aho, amatora muri rusangi mu gihugu cose yagenze neza, iri terabwoba rikaba rivugwa mu bibanza vy’amatora bike cane mu gihugu cose.

  3. Donald Trump ahejeje gutsinda muri West Virginia

    Intara ya West Virginia vyari vyitezwe ko itora Donald Trump. Aheheje gutahukana intebe zine zigenewe ino ntara, akaba ashikanye 23 gushika ubu.

    West Virginia yugariye rimwe ibiro vy'itora n'intara ya Ohio be n'intara mahindagu ya Caroline du Nord/North Carolina.

  4. Ibiharuro biratanguye gusohoka

    Ibiharuro vyavuye mu matora yo kuri uno wa 5 Munyonyo (5) biratanguye kumenyekana.

    Mu ntara ya Indiana, ibiharuro vyerekana ko Donald Trump ari we yatsinze, iyi ntara ikaba ifise intebe 11, kandi bikaba vyari vyitezwe ko ari we ayitsindira.

    Trump kandi ni we yatsinze mu ntara ya Kentuky ifise intebe 8, kandi niko vyari vyitezwe.

    Hagati aho, Kamala Harris bimaze kumenyekana ko ari we yatsinze mu ntara ya Vermont ifise intebe 3. Iyi ntara vyari vyitezwe ko itora Harris.

    Nk’ukwibutsa, kugira ngo uwuhiganwa atsinde amatora y’umukuru w’igihugu, ategerezwa kuronka intebe 270 z’intumwa z’itora (collège electoral/electoral college) uwushaka kwitoza ategerezwa gushika ku majwi 270 y’abarongozi b’amatora kugira ngo ashobore gutsinda ubukuru bw’igihugu.

  5. Abarongoye Philadelphia bariyamiriza ibirego vya Trump avuga ko habaye ‘ubusuma bwinshi’

    Donald Trump yanditse ubutumwa ku rubuga nyagiro rwiwe, Truth Social, avuga ko “abajejwe umutekano bariko baraza” i Philadelphia kubera “ubusuma bwinshi” buri ng’aho.

    Ubutumwa bw'ubusuma

    Ahavuye isanamu, Truth Social

    Ni bwo bwa mbere asohoye ibirego vy’ubusuma bw’amatora kuri Truth Social uno musi, ariko nta nsiguro canke ivyemezo na bimwe atanga.

    Igipolisi ca Philadelphia cabwiye igisata ca BBC kijejwe guhinyuza ibivugwa, BBC Verify, ko ata hantu na hamwe bazi habaye ibi bivugwa na Trump.

    Umushikirizamanza mukuru wa Philadelphia Larry Krasner na we nyene yasohoye ubutumwa bw’inyishu, avuga ati: "Inzego z’umutekano nta kintu na kimwe c’ishingiro zirigera zibona cokwemeza iki kirego kitagira ishingiro".

    Komiseri w’igisagara ca Philadelphia, Umurepubulikani, yanditse kuri X ati: "Nta kuri na gutoya kuri muri iki kirego. Ni akandi karorero k'amakuru y’ibinyoma. Amatora muri Philadelphia yagenze neza kandi mu mutekano".

  6. Ibiro vy’amatora biratanguye kwugara

    Mu ntara za Indiana na Kentucky, ibiro vy’amatora vya mbere biramaze kwugara, n’ibindi vyo mu zindi ntara bikaba vyiteze gukurikira, ivyayavuyemwo bikaba vyitezwe gutangura gutangazwa mu mwanya uri imbere.

    Ni mu gihe abanywanyi b’abahiganwa, Kamala Harris na Donald Trump, bariko biyegeraniriza mu bibanza vy’abakandida babo kugira ngo bakurikirane ingene ibiharuro bitangazwa.

    I Washington DC, abashigikiye Kamala Harris bakoraniye hanze ya kaminuza ya Howard – ari na ho Harris yize kandi hitezwe kubera umusi mukuru w’ijoro ry’amatora.

    Howard

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Abashigikiye Trump bobo bakoraniye mu nyubakwa iri i Mar-a-Lago muri Florida, aho Trump yiteze kumara amasaha makeya ari kumwe n’umuryango wiwe, abagenzi n’abatanga imfashanyo, nk’umutunzi ruhebwa Elon Musk arongoye amakompanyi Tesla and SpaceX.

    Mar-a-Lago
  7. Ni ibiki abitavye amatora bashira imbere ?

    Mu vyiyumviro vya mbere bitanguye gushirwa ahabona ku bijanye n’ivyo abatora bipfuza, demokarasi ni co kintu kiza ubwa mbere mu guhitamwo uwo batora ngo ababere umukuru w’igihugu.

    Hafi ica gatatu c’abantu babajijwe bavuga ko ari co kintu ca mbere kibaraje ishinga, mu bintu bitanu bahawe.

    Ikibazo c’ubutunzi kiza ubwa kabiri, aho batatu kuri cumi ari bo bagishira imbere, nk’uko iri tohoza ry’ibanze rivyerekana.

    Ikibazo c’ugukoroza inda n’ic’abimukira ni vyo bintu nyamukuru bikurikira, mu gihe ikijanye n’imigenderanire n’amakungu kiza ubwa nyuma.

    Mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuva mu 2008, ikibazo c’ubutunzi ni co cari inkoramutima ku batora benshi.

    Ivyiyumviro vy'abitavye amatora
  8. Igipolisi gihejeje gutanga umuco ku mugabo ateye amakenga yahagaritswe ku ngoro ya Capitol

    Umukuru w’igipolisi gikorera ku nguro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol), J Thomas Manger, yavuganye n’abanyamakuru i Washington DC ku bijanye n’umuntu yafatiwe mu kibanza c’abashitsi c’ingoro ya Capitol.

    Avuga ko nk’isaha 12:20 (17:20 kw’isaha mpuzamakungu, ni ukuvuga isaha imwe z’iminota 20 mu masaha ya Gitega na Kigali) umugabo w’umuzungu yinjiye mu kibanza c’abashitsi aciye kw’irembo ryo mu bumanuko bwa Capitol.

    Avuga ko igihe abapolisi basuzuma ijaketi yiwe n’isakoshi yo mu mugongo yiwe babonye “ikintu gisa n’ikirwanisho gicira umuriro” hamwe “n’amacupa abiri muri iyo sakoshi”.

    Igihe uyo mugabo yari ahagaze aho, umwe mu bapolisi yumvise "akamoto gatoyi k'amavuta ya peteroli", nk’uko abivuga. Aka kamoto kari “gakomeye cane” kuri iyi sakoshi yo mu mugongo kandi babonye ko hari icupa ririmwo ibintu ryariko rirava - abapolisi bemeza ko yari amavuta ya peteroli canke "ikindi kintu giturira ".

    Uwo mugabo yaciye afatwa, arapfungwa, nk’uko Manger abivuga. Igipolisi camusanganye inkoho ntoya irekura umuriro n’ibibiriti, nk’uko abivuga, kandi ko no muri iyo sakoshi yiwe harimwo “n’ibindi bintu”.

    Uwo mugabo yari afise “impapuro”, akaba yabwiye abapolisi ko yashaka kuzishikana mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, nk’uko Manger abisigura. Igipolisi kiracariko kiragerageza kumenya "aho mu vy'ukuri yari avuye" n'icamugenza.

    Manger avuga ko itohoza rikibandanya kandi uwo mugabo ari mu gasho, niko Manger yavuze.

  9. Umukenguzamateka w’Umurepubulikani yiyamirije amatora aheruka avuga ko ubu azokwemera ibiyavamwo

    Kari Lake, uwuriko yitoreza ikibanza c’umukenguzamateka muri Arizona, avuga ko azokwemera "ibizova mu matora".

    Avugana n’ibinyamakuru, avuga ko afise “impungenge” nkeya ariko ko hakozwe ibishoboka vyose kugira ngo ntihabe ibibazo.

    Lake yamye ashigikiye amajambo atagira ishingiro ya Donald Trump ko yibwe amatora ya 2020.

    Yaranse kandi no kwemera ivyavuye mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yo mu 2022 igihe yatsindwa na buramatari w’Umudemokarate Katie Hobbs.

  10. Amatora ya Amerika: Ivyayavuyemwo birarindiranywe igishika mu bwoba

    Mu masaha makeya ari imbere, ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika biratangura kuza birasohoka buke buke.

    Hagati aho, icuka catanguye kwibonekeza mu micungararo ya Maison Blanche/White House.

    Ku mabarabara yose, imodoka z’igipolisi zuzuye za mbwa zikoreshwa mu vyo mutekano bariko bazunguruka muri ako karere. Imbere ya Maison Blanche, inzitiro z’ivyuma zifise uburebure bw’imetero 2.5 ni zo zubatsweho nk’ukwerekana ingene umutekano ukomejwe.

    Ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol), inzitiro n’ibindi vyoma vyo kuzibira ni vyo bigize bariyeri zikomeye, zifise n’ibimenyetso bitari bike vyanditseko ngo "Police Line: Do Not Cross" (twogereranya na Umurongo w’igipolisi: ntujabuke)

    Mu gihe amaduka ariko yugara mu kwitegurira ibishobora kuva mu matora muri iri joro (ubu ni ku mugoroba iwabo), biragaragara ko ubwoba ari bwose.

    Uburyo uno mutekano wakomejwe ni ibintu bidasanzwe. Mu turere tutari duke mu gihugu nka za Oregon, Pennsylvania, na California, hariko hafatwa ingingo nk’izi nyene.