Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Ndombele, Bergwijn, Fernandes, Digne, Schick, Mateta

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wa mbere wa Tottenham amaze kugurwa amafaranga menshi gusumba abandi bose muri uyo murwi, umufaransa Tanguy Ndombele, 25, yaguzwe imiriyoni zirenga 73 z'amadorari y'abanyamerika, arizeye ko ashobora gusezera uyu murwi muri uku kwa mbere. (The Athletic - subscription required)
Umukinyi wo ku ruhande wa Tottenham umunya Hollande Steven Bergwijn, 24, asa n'uwuri mu nzira ava muri uyu murwi, Ajax ikaba ari umwe mu mirwi imwipfuza. (Fabrizio Romano on Twitter)
Umusatirizi wa Paris St-Germain umufaransa Kylian Mbappe, 23, ashobora gutera akagere Real Madrid hanyuma agatera igikumu ku masezerano mashasha muri uno murwi w'ihiganwa ry'Ubufaransa. (Le Parisien - in French)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Bayer Leverkusen Patrik Schick, 25, akomoka muri République tchèque avuga ko ata ngorane afise muri uno murwi wo mu Budagi n'aho hari amakuru avuga ko ashobora kugenda muri uku kwezi. (Bild - in German)
Aston Villa iri mu biganiro vyo kurondera umukinyi w'inyuma wa Everton umufaransa Lucas Digne, 28, avugwa ko yipuza kwigira muri uyo murwi umenyerezwa na Steven Gerrard. (Sky Sports)
Newcastle iramaze kuvugana na Burnley kugira ngo irabe ko yoshobora kugura umusatirizi Chris Wood, 30, akomoka muri Nouvelle Zelande. (Telegraph - subscription required)
Newcastle yongeye ku rutonde rw'abasatirizi yipfuza muri kuno kwezi umunya Suisse Noah Okafor, 21, asanzwe akinira RB Salzburg. (Teamtalk)
Umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya-Portugal Bruno Fernandes, 27, aramirira kure amakuru avuga ko muri uku kwa mbere ashobora kwimukira muri Barcelona, akabigereranya na vya bindi vy'itariki ya mbere z'ukwa kane ifatwa ko ari umusi wo kubesha (Sun via Instagram)

Uwahoze ari umunyegori wa Newcastle Shay Given wo muri Irlande ahanura mugenziwe Caoimhin Kelleher, 23, kuva muri Liverpool muri uku kwezi kugira ngo ashobore kuronka akanya ko gukina. (Premier Sport via Liverpool Echo)
Umusatiri w'umufaransa Jean-Philippe Mateta ari hafi yo gusezera Crystal Palace muri kuno kwezi. Uyu mukinyi w'imyaka 24 asanzwe yatijijwe muri Mainz yo mu Budagi, yiteguriye kuja gukina mu Bufaransa, mu murwi St Etienne. (Standard)
Umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu wa Arsenal Sead Kolasinac yatanguye ibiganiro na Marseille kugira ngo arabe ko yokwimukira muri uyu murwi wo mu Bufaransa mu ci riza igihe amasezerano afitaniye na Emirates Stadium azoba arangiye, na rirya adakunzwe gukinishwa. (L'Equipe via Sun)
Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel aripfuza ko umukinyi wo hagati w'umwongereza Ross Barkley, 28, ashobora gutizwa mu wundi murwi muri kuno kwezi. (90 Min)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Newcastle iripfuza kugura umunya Côte d'Ivoire Ibrahim Sangare, 24, akina hagati, akaba asanzwe akinira PSV Eindhoven. (Mail)
Newcastle kandi yagiriraniye ibiganiro na Monaco ku bijanye n'umukinyi w'inyuma Benoit Badiashile, 20, akaba ashirwa ku giciro c'imiriyoni zirenga 47 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail)
Manchester United ntirigera ironka umurwi n'umwe ushaka umufaransa akina hagati Paul Pogba, 28, akaba yiteze kurangiza amasezerano afitaniye nayo mu ci riza. (Mail)









