Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Sterling, Vlahovic, Zidane, Pochettino, Rangnick, Perisic
Manchester City igiye kwongereza inguvu kugira ngo ishobore kugumana umukinyi wayo wo ku ruhande, umwongereza Raheem Sterling, 26, mu masezerano ashobora kumara igihe kirekire, ni mu gihe hari amakuru avuga ko ariko araronderwa na Barcelona. (Telegraph - subscription required)
Paris St-Germain yagiriraniye ibiganiro na Zinedine Zidane mu gihe yitegurira igenda ry'umumenyereza wayo Mauricio Pochettino ariko araronderwa na Manchester United. (Le Parisien, via Metro)
Ralf Rangnick ashobora kuba agiye kumenyereza vy'agateganyo Manchester United, ariko akaba yari yabanje kwanka amasezerano Old Trafford yashaka kumuha, imbere y'uko bumvikana ku yandi mashasha. (Manchester Evening News)
Manchester United yahambije iyindi mirwi itari mike, harimwo na Tottenham hamwe na Newcastle United, mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Fiorentina umunya Serbia Dusan Vlahovic w'imyaka 21. (Mail)
Manchester United iracipfuza ko Pochettino ayibera umumenyereza kuva mu ci riza, n'aho yiteze umuzo wa Rangnick. (90 Min)
Umukinyi wo hagati wa Lazio Sergej Milinkovic-Savic, 26, ariko araronderwa na Manchester United nk'uwushobora gusubirira umufaransa akina hagati Paul Pogba, 28, kuko amasezerano afitaniye na Old Trafford azorangira mu ci riza. (Fichajes - in Spanish)
Barcelona iriko iraraba ko yogura umusatirizi wa Basel umunya Bresil Arthur Cabral, 23, ariko bikazoba ngombwa ko ibanza kugurisha bamwe mu bakinyi kugira ngo ishobore kumugura. (Goal)
Amasezerano umukinyi wo ku ruhande umunya-Croatia Ivan Perisic, 32, afitaniye na Inter Milan arangira mu kwa gatandatu 2022, uyu mukinyi akavuga ati "vyose birashoboka, tuzobiraba mu ndwi nkeya ziri imbere", aho yari abajijwe ku bijanye na kazoza kiwe. (Mediaset Infinity, via Football Italia)
Inter Milan irafise ivyizigiro ko umuninyi wayo wo hagati, umunya-Croatia Marcelo Brozovic, 29, azotera igikumu ku masezerano mashasha, ni mu gihe ayahari azorangira mu ci riza. (90 Min)
Kuri uyu wa gatanu, vyitezwe ko umumenyereza wa AC Milan Stefano Pioli, 56, atera igikumu ku masezerano mashasha y'imyaka ibiri iri imbere ari kumwe n'uyu murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano, Serie A. (Calciomercato, via Football Italia)