Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Ronaldo, Haaland, Saul, Richarlison, Trippier, Van de Beek, Zouma

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St Germain ishobora kurondera umusatirizi wa Everton umunya Brésil Richarlison, 24, nk'uwushobora gusubirira umufaransa Kylian Mbappe, 22, ariko araronderwa hasi hejuru na Real Madrid(Eurosport)
Umusatirizi wa Juventus umunya-Portugal Cristiano Ronaldo, 36, ariko akora uko ashoboye kwose ngo arabe ko yokwimukira muri Manchester City - umugwi watahukanye ihiganwa Premier League ryo mu Bwongereza - muri ino ndwi ya nyuma y'igihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi, ni mu gihe uyu mukinyi yahoze akinira Manchester United kandi yari akunzwe cane atanarajwe ishinga n'umwaka usigaye mu masezerano afitaniye n'umugwi wiwe mu Butaliyano. (L'Equipe - in French)
Ronaldo aramaze kuvugana ivyerekeye ivyo kwimukira muri City na bagenziwe b'abanye Portugal ari bo Bernardo Silva, Ruben Dias, 24, hamwe n'umukinyi w'inyuma Joao Cancelo, 27. Umukinyi wo hagati Silva canke umukinyi w'inyuma Aymeric Laporte ba City bompi bafise imyaka 27, bashobora kuba mu boguzwa na we. City irafise ishaka ryo guha Ronaldo umushahara yipfuza, ariko ntiyiteguye gutanga igiciro gisabwa. (L'Equipe - in French)
Manchester United iri kw'isonga mu rugamba rwo kurondera wa musatirizi wa Borussia Dortmund umunya-Norvege Erling Braut Haaland mu ci riza. Uyu mukinyi w'imyaka 21 yarihaye ikibanza gikomeye nk'umwe mu bakinyi bakomeye bari kw'isoko, inyuma yo kwinjiza ibitsindo 62 vyose mu mikino 63 gusa muri uwo mugwi wo mw'ihiganwa ry'Ubudagi Bundesliga. (Bild - in German)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chelsea ishobora guhangana na Manchester United mu gihe yokwongereza agacanwa mu kurondera ko Atletico Madrid yoyitiza umukinyi wo hagati umunya-Espagne Saul Niguez, 26. (Guardian)
Atletico Madrid yamaze kubona uwo yoca irondera, uyu na we akaba ari umunya-Espagne akina hagati Pablo Sarabia w'imyaka 29 akina muri Paris St-Germain mu gihe Saul yoramuka agiye. (Marca)
Arsenal yatanguye ibiganiro na Atletico Madrid kugira ngo irabe ko yoyiha umukinyi w'umwongereza akina inyuma ku ruhande rw'i buryo Kieran Trippier, n'aho uyu mukinyi w'imyaka 30 wewe yipfuza kwigira muri Manchester United muri gihe yoramuka avuye muri uyo mugwi wo ku mugwa mukuru wa Espagne. Ariko gusa, aba Gunners ntibiteguye gutanga amafaranga yababa imiriyoni 47 asabwa kuri uyu mukinyi yahoze akina inyuma muri Tottenham. (Eurosport)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tottenham yatanguye kuvugana na Lyon ku bijanye n'umukinyi wo hatati Houssem Aouar, 23. (Sky Sports)
Abakinyi batari bake: umunya Bresil akina ku ruhande, Willian Borges da Silva, akunzwe kwitwa Willian, 33, umwongereza akina inyuma ku ruhande rw'i buryo, Ainsley Maitland-Niles, 23, umusatirizi w'umwongereza Eddie Nketiah , 22, umunya Espagne akina inyuma Hector Bellerin, 26, umunya -Uruguay akina hagati Lucas Torreira, 25, umwongereza akina ku ruhande Reiss Nelson, 21 hamwe n'umunya Bosnia akina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu Sead Kolasinac, 28, abo bose bashobora kuba muri Arsenal mu ndwi iza. (Standard)
West Ham iriko iritegura kugura umusatirizi w'umufaransa Gaetan Laborde, 27 akina muri Montpellier , ariko rero uyu mugwi wo muri Ligue 1 ushobora kuba umuronderako n'imiburiburi imiriyoni 17 z'amadorari y'abanyamerika. (Le 10 Sport - in French)
Aba Hammers bafise icizere cinshi co kuronka umufaransa akina inyuma Kurt Zouma muri Chelsea bakaba bamaze gutera intambwe muri uru rugamba rwo kurondera uyu mukinyi w'imyaka 26. (Telegraph - subscription required)

Ahavuye isanamu, Getty Images
West Ham iriko irihweza nimba ikwiye kurondera umukinyi wo ku ruhande wa CSKA Moscow umunya-Croatia Nikola Vlasic w'imyaka 23, ari nka hamwe vyokwanka ko ironka umusatirizi wa Manchester United umwongereza Jesse Lingard, 28, aboneka ko ashobora kwigumira i Old Trafford. (Telegraph - subscription required)
Abaserukizi b'umunya-Hollande Donny van de Beek, 24, ntibakeneye kwumva abarondera umukinyi wo hagati wa Manchester United, mu gihe yiteguriye urugamba rwo kurondera ikibanza ca mbere muri uyu mugwi. (Times - subscription required)
Umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo wa Liverpool umunya Pays de Galles Neco Williams, 20, ashobora kubandanya akinira uwu murwi mu gihe abariko bamurondera basa n'abakuyemwo akarenge muri zino ndwi za nyuma. (Liverpool Echo)

Ahavuye isanamu, Football Association of Wales
Uwujejwe ubuhinga muri Arsenal Edu asa n'uwutorohewe, mu gihe Mark Overmars aboneka ko ashobora kumusubirira. (Express)
Inter Milan iri hafi yo kuronka umusatirizi wa Lazio umunya-Argentine Joaquin Correa, 27, ku miriyoni 30 z'ama euros (Fabrizio Romano)
Lyon yemeye igiciro c'imiriyoni 20.5 z'amadorari y'abanyamerika gitangwa na Burnley ku mukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu w'umunya-Côte d'Ivoire Maxwel Cornet ubu umupira ukaba usigaye mu maboko yiwe, nimba azokwemera kuja muri uyu murwi. (Sky Sports)
Abakinyi babiri ba Barcelona bakina inyuma Sergi Roberto, 29, hamwe na Sergio Busquets, 33 akina hagati, bompi abanya-Espagne, bari hafi yo kwemera gukatwa umushahara muri uno murwi wa La Liga. (Marca)









