Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Kane, Sanches, Asensio, Haaland, Trippier, Coutinho

Harry Kane
Insiguro y'isanamu, Harry Kane
Yatangajwe

Manchester City iriteguye gutanga imiriyoni 205 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke umusatirizi w'umwongereza Harry Kane w'imyaka 28, hakaba hari amakuru avuga ko Tottenham yoba yiteguye kwemera ico giciro kandi ko n'umukuru wayo Daniel Levy agiye gutangura ibiganiro. (Independent)

Mu gihe vyokwanka ko Manchester City ironka Kane muri rino ci, uwu murwi watahukanye igikombe ca Premier League uvugwa ko woca uvuvudikira umusatirizi wa Fiorentina umunya Serbia Dusan Vlahovic w'imyaka 21, ikaba ivugwa ko yoba yinjiye mu rugamba rwo kurondera uyu musatirizi ku miriyoni 80 z'ama euros. (Firenze Viola - in Italian)

Wolves yiteze ko Tottenham iyegera kugira ngo irabe ko yoyigurira umusatirizi w'umunya Espagne Adama Traore w'imyaka 25 mu gihe Kane yoramuka aguzwe na City muri rino ci. (Mail)

Adama Traore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Adama Traore

Liverpool yahuye n'inzitizi mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Lille umunya Portugal Renato Sanches w'imyaka 24, inyuma y'aho uyu mukinyi yanduriye imvune izomutuma ataboneka mu kibuga mu kiringo c'indwi zitandatu. (Mirror)

Umurwi watsindiye ihiganwa Premier League ry'Ubwongereza Manchester City uri mu biganiro n'umukinyi wayo w'inyuma umumya Portugal Ruben Dias w'imyaka 24 kugira imwongere ayandi masezerano mashasha. (Sun)

Arsenal ishobora kuba yiteguye gutanga imiriyoni zababa 46.5 z'amadorari y'abanyamerika ku mukinyi wo hagati wa Real Madrid umunya Espagne Marco Asensio w'imyaka 25. (Fichajes - in Spanish)

Marco Asensio

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Marco Asensio

Tottenham yongereje akariro mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Fiorentina , umunya Serbia Nikola Milenkovic w'imyaka 23, inyuma y'aho West Ham ifatiye ingingo yo gukuramwo akarenge. (The Times - subscription required)

Watford iri hafi yo gushika ku masezerano n'umukinyi wo hagati wa Fenerbahce, umunya Turukiya Ozan Tufan w'imyaka 26. (Athletic)

Newcastle yashize igiciro c'imiriyoni hafi 13,7 z'amadorari y'abanyamerika ku mukinyi wo hagati umwongereza Sean Longstaff w'imyaka 23, mu gihe amasezerano afitaniye nayo azorangira mu ci riza, umumenyereza wa Everton Rafa Benitez akavugwa ko yipfuza kumuzana i Goodison Park. (Mail)

Arsenal na Manchester United basabwe kwibagira ivyo kurondera umukinyi w'inyuma wa Atletico Madrid umwongereza Kieran Trippier w'imyaka 30. (AS)

Umusatirizi w'umunyamisiri Mohamed Salah w'imyaka 29 ashobora kuba yiteguye kuganira na Liverpool ku bijanye n'amasezerano ashobora kumutuma amara igihe kirekire akinira uwo murwi. (Times, subscription required)

Mohamed Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mohamed Salah

Everton ishobora kuronka umusatirizi wa Schalke umunyamerika Matthew Hoppe ku giciro kiri musi y'imiriyoni cumi kubera ikibazo c'amafaranga gihanze uwu murwi wo mu Budagi. Aba Toffees (Everton) ni umwe mu mirwi yipfuza uyu mukinyi w'imyaka 20 bakaba bategura gutanga imiriyoni zababa 5.4 z'amadorari. (Bild - in German)

Liverpool iri imbere mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvège Erling Braut Haaland w'imyaka 21. (Sport1, via Mirror)

Crystal Palace yari yatanze imiriyoni zababa indwi ku mukinyi wo hagati, umwongereza Will Hughes w'imyaka 26 ariko uumrwi wiwe Watford waranse kuyakira. (Sun)

Umusatirizi w'umunya Pays de Galles/Wales Gareth Bale w'imyaka 32 yasubiye kwizerwa muri Real Madrid inyuma y'aho uwu murwi utanguriye kumenyerezwa na Carlo Ancelotti, ibintu bikaba bitari bimeze neza kuri uyu mukinyi igihe uwu murwi wamenyerezwa na Zinedine Zidane. (Marca - in Spanish)

Juventus yakubise hasi Liverpool na Tottenham mu rugamba rwo kurondera umukinri rurangiranwa wa Santos, umunya Brésil Kaio Jorge w'imyaka 19. (Goal)

Kaio Jorge

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kaio Jorge

Manchester United iracarondera ingene yoronka uwundi mukinyi wo hagati. Ariko, ibi vyosaba ko ibanza kugurisha abakinyi inyuma y'aho umufaransa akina inyuma Raphael Varane w'imyaka 28, hamwe n'umwongereza akina ku ruhande Jadon Sancho w'imyaka 21 binjiriye muri uwu murwi. (Manchester Evening News)

Barcelona yiteze kwegeranya imiriyoni zindi 200 z'ama euros kugira ngo irabe ko yogabanya ideni ifise, ikaba yiteze kugurisha umukinyi w'inyuma umufaransa Samuel Umtiti w'imyaka 27, umukinyi wo hagati, umunye Brésil Philippe Coutinho w'imyaka 29 hamwe n'umunya Bosnia akina hagati Miralem Pjanic w'imyaka 31. (Goal)

Umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya Brésil Andreas Pereira w'imyaka 25 yiteze gutizwa umurwi Flamengo. (Fabrizio Romano)

Umukinyi wo hagati w'umwongereza Joe Willock w'imyaka 21 yizeye gusumvya Alan Shearer yamaze incuro zibiri zose yikurikiranya mu gutsinda ibitsindo vyinshi muri Newcastle, akaba yiteze guca umuhigo kuri uno mwaka wa kabiri atanguye muri uyu murwi mu rukino ruzowuhuza na Aston Villa mu mpera z'iyi ndwi. (Mirror)