Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Lukaku, Pogba, Doku, Abraham, Lingard, Sterling

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sergio Aguero aherutse kugurwa na Barcelona yahinyagaye, ibizomutuma adakina mu kiringo c'indwi cumi (amezi arenga atatu).
Mw'itangazo uwo murwi wo muri La Liga wasohoye, Barcelona ivuga ko yahinyagaye mu kuguru kw'iburyo.
Aguero w'imyaka 33 yinjiye muri Barcelona ku masezerano y'imyaka ibiri yateyeko igikumu mu kwa gatandatu, avuye muri Manchester City aho yari amaze imyaka cumi, aho yaciye umuhigo mu bakinyi bamaze kwinjiriza ibitsindo vyinshi uwu murwi, akaba yatsinze ibitsindo 260 mu nkino 390.
Kugira ngo PSG ishobore kwigarurira iki gihangange co muri Argentina, iriteguye kugurisha abakinyi cumi bose harimwo uwahoze akina hagati muri Everton umunya Senegal Idrissa Gueye w'imyaka 31. (Athletic)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwu murwi wo mu Bufaransa kandi wahagaritse ivyo kurondera umukinyi wo hagati wa Manchester United umufaransa Paul Pogba w'imyaka 28. (Le Parisien - in French)
Inyuma yo gufatwa ibipimo vya mbere vyo kwa muganga muri Chelsea, umusatirizi wa Inter Milan, umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 28 ashobora gukinira uwo murwi urukino rwayo rwo kwugurura Premier League aho uzohura na Crystal Palace ku wa gatandatu. (Daily Star)

Lyon yamaze kwemerera umushahara wa musatirizi wa Liverpool umuswisi Xherdan Shaqiri w'imyaka 29. (L'Equipe - via Get French Football News)
Manchester United iriteguye kwemeza ko yamaze kugura umukinyi w'inyuma wa Real Madrid umufaransa Raphael Varane w'imyaka 28 kuri uwu wa gatatu - bikazomuha akaryo ko kuzokina urukino rwa mbere muri Premier League ku wa gatandatu, aho uwo murwi uzotana mu mitwe na Leeds. (Daily Star)
Liverpool ihanze amaso umukinyi wo ku ruhande wa Rennes umubirigi Jeremy Doku w'imyaka 19. (Voetbal 24 - in Dutch)
Umusatirizi wa Chelsea umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23 ariko araronderwa na Arsenal, Roma hamwe na Atalanta. (Goal)
Roma iriko iregereza igiciro c'imiriyoni zababa 47 z'amadorari y'abanyamerika gisabwa kuri Abraham, ni mu gihe Chelsea iriko irarondera ingene yotanga nk'intizo uyu musatirizi ata kibanza kinini agifise, harimwo n'igice cemeza ko uwomutwara afise n'amahirwe yo kuzomugura burundu. (Mail)
Umumenyereza wa Roma Jose Mourinho aripfuza umusatirizi wa Arsenal umufaransa Alexander Lacazette w'imyaka 30. (Gazzetta dello Sport - via Boot Room)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Leicester iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester United umwongereza Jesse Lingard w'imyaka 28 mu gihe uwundi mwongereza mugenzi we James Maddison w'imyaka 24 yova muri uwo murwi. (Football London)
Aba Foxes (ni ukuvuga Leicester) baravugwa kandi ko bashaka umukinyi w'inyuma wa Schalke umunya Turukiya Ozan Kabak w'imyaka 21 - yamaze igice ca nyuma c'umwaka w'inkino uheze muri Liverpool aho yari yaratijijwe - hamwe n'umufaransa na we nyene akina inyuma muri West Ham Issa Diop w'imyaka 24. (Leicester Mercury)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Everton iripfuza umukinyi wo hagati wa Newcastle United umwongereza Sean Longstaff w'imyaka 23. (Athletic)
Bayern Munich iriko irihweza nimba yogarukana umukinyi wo ku ruhande, umufaransa Franck Ribery w'imyaka 38 amaze igihe yimenyereza hamwe n'uwu murwi kuva avuye muri Fiorentina. (Gazzetta dello Sport - in Italian)
Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester City umwongereza Raheem Sterling w'imyaka 26 ariteguye kugiriranira ibiganiro n'uwu murwi wiwe kugira ngo ashobore gutera igikumu ku yandi masezerano yo kubandanya ayikinira. (Sun)
Umukinyi wo hagati wa Tottenham umufaransa Tanguy Ndombele w'imyaka 24 ariko arihweza kazoza kiwe muri uwu murwi. (Athletic)









