Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Pjanic, Camavinga, White, Umtiti, Ronaldo, Mendy, Ryan, Willock
Barcelona irashaka kurekura umukinyi wayo wo hagati umunya Bosnia Miralem Pjanic w'imyaka 31 hamwe n'umufaransa akina inyuma Samuel Umtiti w'imyaka 27 kubera bompi ata n'umwe ashimwa n'umumenyereza Ronald Koeman mu nteguro ziwe. (Goal)
Pjanic avugwa ko aronderwa na Tottenham ikaba yiteguye gukubita hasi Manchester United imaze igihe kirekire cane imurondera. (Express)
Chelsea ishobora kugerageza gutesha umutwe umukeba wayo wa Londres Arsenal mu kwinjira mu rugamba rwo kurondera kugura umukinyi w'inyuma wa Brighton umwongereza Ben White w'imyaka 23. (Transfer Window Podcast, via Sun)
Tottenham na Barcelona yompi irashaka kizigenza wa Napoli umutariyani Lorenzo Insigne w'imyaka 30 ariko aravyifatamwo neza mw'igihanwa ry'imirwi nserukiragihugu ya Buraya, Euro 2020, ni mu gihe atarashobora gutera igikumu ku masezerano mashasha kubera ayo afitaniye n'umurwi wiwe azorangira mu 2022. (Corriere dello Sport - in Italian)
Barcelona ubu iriteguye kwemera igiciro gito ku mukinyi wayo wo hagati, umunya Brésil Philippe Coutinho ku giciro kiri musi y'uturusho yarishe Liverpool igihe uyu mukinyi w'imyaka 29 yinjira muri uyo murwi wa La Liga, ni mu gihe igiciro ciwe kibandanya kimanuka. (Mirror)
AC Milan iripfuza Coutinho ariko ku ntizo gusa hako imugura burundu kubera akahise kiwe k'invune. (Mail)
Umukinyi w'umufaransa akina hagati Eduardo Camavinga w'imyaka 18 aboneka ko vyanka vyakunda ategerezwa kugenda muri rino ci inyuma y'aho ibiganiro hagati y'uyu mukinyi na Rennes ataco bishikiyeko. Hagati aho, uyu murwi nturaronka umurwi wundi n'umwe urondera uyu muyabaga. (Le Parisien - in French)
Manchester United irategura ibindi biganiro na Rennes kugira ngo irabe ko yoronka Camavinga, ariko aya Mashetani Atukura ahanganye na Real Madrid, Paris St-Germain na Bayern Munich. (Mail)
Manchester United irashobora gutiza umunyegori wayo, umunya Espagne David de Gea w'imyaka 30 muri rino ci. (Manchester Evening News)
Umuserukizi wa Cristiano Ronaldo Jorge Mendes ariko arakora uko ashoboye kugira ngo arabe ko amasezerano afitaniye na Juventus yokwongerwako uwundi mwaka, ivyotuma uyu musatirizi wa Portugal w'imyaka 36 abandanya gukina mw'ihiganwa Serie A gushika mu 2023. (Gazzetta dello Sport - in Italian)
Manchester United iriko irategura amasezerano mashasha n'umukinyi w'inyuma wayo, umwongereza Luke Shaw w'imyaka 25. (Mail)
Kazoza k'umukinyi wo hagati wa Everton, umunya Colombia James Rodriguez w'imyaka 29 karimwo igipfungu, inyumas y'aho uyo murwi ugeneye Rafael Benitez nk'umumenyereza wayo. (Liverpool Echo)
Tottenham iriteguye kurekura umukinyi wayo w'inyuma, umubirigi Toby Alderweireld w'imyaka 32 muri rino ci, ikaba iriko irarondera abakinyi babiri b'inyuma mu mugambi wo kwiyubaka. (Football London)
Umunyegori wa Brighton umunya Australia Mat Ryan w'imyaka 29 yari amaze umwaka yaratijijwe muri Arsenal, ari hafi yo gutera igikumu ku masezerano na Real Sociedad inyuma y'aho bumvikaniye ku giciro kitarashirwa ahabona. (Sky Sports)
Uwahoze akina inyuma muri Newcastle Steve Howey avuga ko uyu murwi utegerezwa kugura umwongereza akina hagati Joe Willock w'imyaka 21 muri rino ci atari uko uyu mukinyi wa Arsenalarashobora kuduzwa igiciro. (Chronicle)
Umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo wa Manchester City umufaransa Benjamin Mendy w'imyaka 26 avugwa ko yoba ari ku rutonde rw'abaronderwa na Inter Milan muri rino ci. (Manchester Evening News)
Umukinyi w'inyuma wa Sevilla umufaransa Jules Kounde w'imyaka 22 niwe Manchester United ishobora guhindukirira mu gihe uyu murwi wa Premier League wonanirwa no kugura mugenziwe Raphael Varane w'imyaka 28 asanzwe akina muri Real Madrid. (AS - in Spanish)
Umukinyi w'inyuma wa Barcelona ku ruhande rw'ibubamfu Junior Firpo w'imyaka 24 ari hafi yo kwimukira burundu mu murwi Leeds United. (The Athletic - subscription required)